16 septembre 2024

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana yarifadikanije n’imiryango 21 yo Ku mutumba Rutundwe mu bikorwa vyo kurima itongo baherutse kuronswa na Reta

Mu ntumbero ya Reta Mvyeyi, Reta Nkozi yo gusanga abenegihugu Ku kivi, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushikirana, Nyakubahwa Imelde Sabushimike, yaragize urugendo Kw’igenekerezo rya 21 myandagaro umwaka w’2024 mu ntara ya Bururi, komine ya Matana, aho yifadikanije n’imiryango 21 yo Ku mutumba Rutundwe mu bikorwa vyo kurima itongo baherutse kuronswa na Reta.
Akaba yamenyesheje ko yaje kubagendera mu ntumbero yo kubashigikira no kubatera intege kuko yashimye umugambi wabo wo gusaba itongo ngo barangure ibikorwa vyo kwiteza imbere gutyo bashobore kurwanya ubukene.
Nyakubahwa Umushikiranganji akaba yagiye abashiriye imfungurwa zo kubasahiriza imbere ko bimbura ivyo bariko bararima.
Yarasavye gukora umwete, akaba yarabemereye no kuzobaba hafi muri ivyo bikorwa bafadikanije n’abajejwe intwaro.
Yarabaronkeje kandi amakaye y’abana buca bitangura ishure, yongera aratanga n’amabati kubenegihugu bafise amikoro make basugije ibigega.
Igikorwa nkico Nyakubahwa Umushikiranganji akaba yarakiranguye no muri site ya Ngabwe muri zone ya Kiryama. Akaba ayasozereye urugendo rwiwe mu ntara ya Mwaro, komine Kayokwe Aho yatanze amabati Ku miryango 28 y’abenegihugu bafise amikoro make, nabo nyene bakaba baradugike ibigega.