28 novembre 2024

Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE ararajewe ishinga n’uko abenegihugu babaho neza

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Mukakaro 2021, Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE ari kumwe n’abarongoye ishirahamwe Tearfund, yagarukiye ku benegihugu bahuye n’ivyago vy’umwuzure w’amazi yabateye bari muri site Kinyinya II. Imiryango 886 ikaba bararonkejwe amafaranga agera ku miriyoni 88 600 000 y’amarundi aho urugo rwose ruzohabwa amafaranga ibihumbi ijana (100.000) ariko bakazobanza guhabwa inyigisho zijanye n’ingene bokwitunganiriza imigambi mitomito. Bakazoyahabwa muri bwa buryo bwa ecocashi.

 

Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Iyo miryango yose 886 ingana, bakaba bararonkejwe Ibikoresho bigizwe : uburengeti, amahema, amasafuriya, amasahani, imisegetera, isabune zo kumesura, ibikombe no kwoga hamwe n’ibiyiko  ku muryango wose.

 

Abakenyezi bagera ku 552, baraza kuronkejwe nabo ibikoresho bama bakenera , ibitenge, isabune, ibase, uburengeti hamwe n’ibido yo kuvoma amazi.

Nyakubahwa Umushikiranganji imelde SABUSHIMIKE akaba yarabahaye impanuro zitari nke.

 

Umwe mu bakenyezi bariko barafashwa na Nyakubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Umupfasoni Imelde SABUSHIMIKE (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabasavye kubunganbunga infashanyo bahawe, Amafaranga nayo bazoyakoreshe bakurikije impanuro bazoba bahawe n’ababigishije kugirango bayavyaze umusaruro.

Yababwiye ko umwe wese yokwitunganiriza Umugambi  umugambi mwiza, ari uwo gucuruza utuntu dutandukanye, kugirango ca civuga ca Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye kije mu Ngiro,  Aho agira ati, “Umunwa wose uronke ico Ufungura , n’umufuko wose uronke amafaranga”.

Yarongeye ati “ Tugira n’Imana mweho murahawe amafaranga, n’aho ari make, murayakoresha neza, muravyase umusaruro kandi birashoboka.”

Yabahaye akarorero k’abo mu ntara za ruguru bahawe amafaranga ibihumbi mirongo ibiri ibiri gusa ku kwezi bahora ari ntahonikora ruhebwa, ariko intambwe bagezeko ishimishije.

Abenegihugu bo muri site Kinyinya II (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarabaremesheje aca abasaba kwihangana mu bibazo barimwo, abemerera ko ubushikiranganji arongoye buzokwama nan taro bubafashe mu mugongo mugukora ibishoboka vyose ngo nabo bazogire aho baba hiyaguye.

Yasavye abari aho kubandanya bashigikirana muri vyose, kandi ko ayo mahera atobabera intambamyi yo kubacanishamwo na cane cane aabubakanye. Ati “Muzokorere imigambi hamwe ku neza y’iterambere ry’ingo zanyu.”

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yarashimiye cane Abarongoye ishirahamwe Tearfund hamwe n’abarongoye amashengero ya Anglikane na FECABU mu Burundi mu kwama na ntaryo bafata mumugongo ubwo Bushikiranganji mu gihe c’ibiza bitangukanye bishikira abenegihu.

Désiré MAJAMBERE, Umuyobozi wa Tearfund mu Burundi (Ifoto na Elie HARINDAVYI)Uwurongoye ishirahamwe Tearfund mu Burundi Désiré MAJAMBERE, nawe yamenyesheje ko igihe cose Reta y’Uburundi ibateye akamo, bama babanguka gufasha. Ati “ twaragiye hamwe n’ishegero rya Angilikani hamwa na FECABU kugirango dufashe abenegihugu bo muri iyi site ya Kinyinya II, none twabishitse kuri uno musi.”

 

Buramatari w’intara ya Bujumbura (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Buramatari w’intara ya Bujumbura, yasavye Nyakubahwa Umushikiranganji ajejwe Gushigikirana ko boraba ahandi hantu hadaterwa n’amazi bokwimurira abo benegihugu.

Mwomenya ko iryo shirahamwe Tearfund ryari rimaze gufasha abenegihu bo muri site KIGARAMANGO hamwe no mu ntara ya Gitega muri Komine Mutaho, aho amazu atari make yari yahitanwe n’imvura y’igihuhusi.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →