Kuri uyu wambere igenekerezo rya 28 Myandagaro 2023, kabaye akanyamuneza ntangere ku benegihugu b’i Gihanga mu ntara ya Bubanza aho Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bufadikanije n’Umuryango w’aba Islam b’aba Ahmadiyya mu Burundi bashikiriza icese abenegihugu bo muri iyo komine iriba ry’amazi meza ridakama rikoreshwa n’umuyagankuba uturutse k’umushwarara w’izuba (panneau Solaire).
Rikaba ryubatswe kumfashanyo y’amafaranga yatanzwe n’uwo mumuryango w’aba Islamu b’aba Ahmadiyya bari ngaho mu gihugu c’Uburundi kuva mu mwaka w‘2014.
Nyakubahwa Tantine Ncutinamagara, Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, ari nawe yari yaserukiye Umushikiranganji muri ivyo birori, yavuze ko abakenyezi bo ngaho i Gihanga, vyahora bibagora cane kuronka amazi meza ari naco gituma Reta y’Uburundi Ibicishije muri ubwo bushikiranganji bwo Gushigikirana yama igihe cose yiyumvira imigambi iza isahiriza umwenegihugu mu buzima bwiwe bwa minsi yose, na cacane ngo abafise amikoro make, abakenyezi, abana, abagendana ubumuga hamwe n’abandi bose ba ntahonikora narirya ngo bihaye intumbero yo gushika mu mwaka 2040 Uburundi ari igihugu cigaba kikigaburira, nayo mu mwaka 2060 kikaba ari igihugu giteyimbere.
Yarakengurukiye cane abarongoye uwo muryango w’aba Islamu b’aba Ahmadiyya mu Burundi, kubona bariyumviriye kwubaka iriba nk’iryo ngaho i Gihanga muntara ya Bubanza, kandi ivyo ngo ntibabikoze ngaho gusa kuko ngo kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma uno mwaka nyene w’2023 ubwo bushikiranganji bwari i Makamba muri Komine Nyanza-lac aho bashikirije icese iriba nk’iryo.
Niko guca asigurira abari aho ido n’ido ry’uwo muryango ati: «Aba mubona baracari bashasha, ariko bariko barakora ibikomeye, uwu mubona niwe mu misiyonari wambere wo muri uwo muryango yatanguye gushika ngaha mu Burundi, baraheza baremererwa gukora kumugaragaro, hari mu mwaka w‘2014».
Yarongeye ati: «Kuva rero mu mwaka w‘2017, bakaba bamaze kurangura ibindi bikorwa vyo gufasha imiryango ya bantahonikora mu kubaronsa amakaye y’ishure ku bana babo biga, aho buri mwaka abarenga 1000 baronswa ivyo bikoresho vy’ishure».
Yaraciye aboneraho kuvuga ko batayaga amasigara cicaro kuko bari baje bitwaje n’amakaye ashobora gufasha abana batari bake inyuma y’igikorwa cari cabazindukanye.
Yabipfurije ahubwo no kubandanya bakora ibiruta na kure ivyo bahora bakora.
Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yavuze kandi ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, bujejwe gushigikira ba ntahonikora, ari naco gituma bama na ntaryo bashigikira uwo wese aza yunganira Reta kugirango umwenegihugu yoroherwe mu buzima bwiwe bwa minsi yose.
Yaribukije abari aho ko mu Burundi abakenyezi ahanini ari bo bavoma, bagakinjika, bakamesura, bakoza abana n’ibindi vyinshi vy’isuku bikenera amazi meza mumuryango. Aca asaba abakenyezi bari aho ko iryo riba rije kugirango ribapfunyirize urugendo bahora bafata bagiye kuvoma, guryo nabo baheze bahimbarwe no kugira Reta Ibitayeho mubibagoye, igaheza ikabasahiriza muvyo baba batishoboreye harimwo n’ikibazo c’amazi meza.
Ikindi Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA atibagiye kuvuga ni uko uwu muryango w’aba Islamu b’aba Ahamadiyya mu Burundi ari mushasha mu Burundi ariko ngo baramaze kurangura ibikorwa bitari bike haba muri iyo ntara ya Bubanza, Mugisagara ca Bujumbura i Ngozi, n’i Makamba kandi ngo haruhande yo kuvuga ubutumwa bwiza mumisigiti, baciye batangura kubangikanya no gufasha abatishoboye kuva mu mwaka w’2017, mugusahiriza ibikoresho vyishure abana biga barenga 1000 buri mwaka bava mu miryango ifise amikoro make.
Yabivuze mu migani y’ikirundi ivuga ngo «intango ni iya kare» kandi ngo «Ubuja gusha buratagata‘», ati « Aha rero muca mubona ko batahuye ya mvugo ngo «amasaka n’amasakaramentu vyama bigenda bibangikanye». Gutyo, haruhande yo guhaza umutima ubutumwa bwiza, ntibirengagije n’ibigirira akamaro n’umubiri».
Ntiyirengagije gushima muri rusangi ibikorwa vy’abarongoye amadini n’amashengero bama biyumvira imigambi iza ikura mubukene abenegihugu, ikabashikana kw’iterambere, aca aboneraho no gutera akamo abatahora babikora kuhafatira akarorero kuri uwo Muryango w’aba Islam b’aba Ahmadiyya mu Burundi
Yasavye abanegihugu bo ngaho i Gihanga baronkejwe iryo riba kuzoribungabunga kuko ryubatswe kubuhinga bwa kijambere, aho amazi aduzwa bivuye k‘umushwarara w’izuba kandi rikaba ryatwaye uburyo butari buke.
Ati «Ejo ntihazogire uwuzobona hari uwuriko ararondera kwonona plaque solaire, ngo yirengagize kumushirako intoke kuko ni itunga rusangi, ni iryacu twese».
Yabasavye kwama bahagirira isuku uko bukeye uko bwije, ngo basubirize ikizoba cononekaye, kugirango ayo mazi ntazotosekare ngo bahave basubira iyo bahora bavoma, kandi Imana yacanye, hakaboneka abagiraneza babafasha kuronka iriba ngaho hafi.
Nyakubahwa Tantine NCUTINAMAGARA yarasavye aabarongoye Umuryango w’aba Islam b’Aba Ahmadiyya mu Burundi kubandanya bakora nk’ivyo no mubindi bice vy’igihugu, kuko ngo hariho ahatari hake no mu zindi ntara bakeneye ubufasha nk’ubwo.
Yavuze kandi ko hari n’iyindi ndinganizo igihugu cashize imbere aho umwenegihugu aronse agatahe, ashobora kwiteza imbere gusumba.
Eka ntiyibagiye kuvuga ko hari n’umugambi wo kworora inkwavu Reta y’Uburundi iriko irahimiriza abenegihugu kwijukira, kuko babona ko ushobora gufasha cane kuva mubukene, aca abasaba nabo nyene kuwushigikira, gutyo urugo rwose ngo rugire n’Imiburiburi inkavu zitanu.
Yarangije abemerera ko kuruhande rwa Reta y’Uburundi, bazokwama babashigikira mumigambi yose myiza bazoba bariko bararangurira abenegihugu.
Yarashimiye abajejwe intwaro na cane cane Nyakubahwa Buramatari w’intara nziza ya Bubanza, hamwe na Musitanteri wa Komine Gihanga kubona batateye umugere iciyumviro ciza nk’ico, ahubwo bakagishigikira kuneza y’abo barongoye, Kandi ngo nk’abaserukira Reta, ngo ntaco batazokora kugirango bame na ntaryo bashigikira uwo wese aza arondera ineza y’umwenegihugu aho aherereye hose.
Nawe Ghulam Murtaza arongoye Umuryango w’aba Islam b’aba Ahmadiyya mu Burundi yavuze ko uwo muryango ukorera mu bihugu birenga 200 kw’isi kandi ko wama ukorana n’ama Reta, aho haruhande y’Ubutumwa bwiza baheza bagasahiriza mubikorwa biteza imbere abenegihugu.
Yaragaye cane aho hari iriba rindi bari bategekanije kwubaho muri iyo komine ya Gihanga, ariko ngo abana bakaba baronone ikigo cokubatswemwo imoteri, mukukirundamwo amabuye.
Yasavye abavyeyi kwigisha abana babo kuza barasonera ibijanye n’inyubakorusangi, gutyo muri kazoza bazobe abana bakura bazi neza ico bategerezwa gusonera, kandi ngo bazoshobore no gukingira inyungu z’igihugu.
Yavuze ko iryo riba rije kugira rigirire akamaro bose, ata gucagura amadini canke ubwoko, bose ngo ni iryabo.
Nawe Emmanuel NGENDABANKA, Umuhanuzi wa Buramatari w’Intara ya Bubanza ajejwe imibano mw’ijambo ryiwe akaba yarashimye cane kubona bazana ingabire nk’iyo muri iyo komine.
Yavuze ko aravye ivyo bakora, ngo umuryango w’aba Islam baza ubwa kabiri mugukora ibikorwa biza bikura umwenegihugu mu bukene.
Ikindi yashimye cane ni ukungene abahurikiye muri uwo muryango bunze ubumwe kuko ngo ata ndyane zirigera ziboneka mu bawurongoye nk’uko vyama bigaragara mu barongoye amashengero amwe amwe y’abo yise abaporoti.
Nawe Léopord NDAYISABA, musitanteri wa Komine Gihanga, yavuze ko iryo riba rije hageze koko kuko ngo komine gihanga iri mu makomine akenye cane amazi meza.
Yasavye ko abanegihugu bofasha mu gucungera ikoreshwa vy’ayo mazi.
Yavuze ko butari bubaye ubwambere bashiraho amazi kuko ngo hari n’ayo bari barashizeho ariko ngo yoyo atari yubatswe kubuhinga bwanone nk’iryo buguruye kuri uwo munsi.
Mwomenya ko barangije bashikiriza amakaye n’amakaramu abana b’abanyeshure biga mumashure y’intango n’ayisumbuye aho abagera ku 420 baronkejwe ivyo bikoresho, muri bo 250 bakaba babironkejwe uwo munsi nyene, nayo 170 babironswa kumunsi wa Gatanu.