Ku wa 3 munyonyo 2023, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Nyakwubahwa Ponsiyano HATUNGIMANA, yarishikiye mu ntara ya Gitega, umutumba na komine Mutaho, kwirabira ivyaranguwe n’umugambi witwa FAIR w’ishirahamwe EIRENE, ushigikira utwigoro tw’abenegihugu b’abirimizi.
Umunyamabanga Ntayegayezwa arikumwe n’uwaserukiye Buramatari w’intara ya Gitega, Célestin GIRUKWISHAKA hamwe na Musitanteri wa komine Mutaho, Mélchiade NIHORIMBERE baragendeye ishirahamwe « TUSAIDIZANE » rihurikiyemwo abakenyezi bari mw’idini ry’aba isilamu, rimwe muyafashwe mu mungongo n’umugambi FAIR. Aha bakaba barashoboye kwibonera ivyaranguwe n’iryo shirahamwe « Tusaidizane», aho abanywanyi baryo baberetse ibitungwa vyabo nk’ikwavu, inkoko n’impene kandi bikaba vyarungutse.
MUKESHIMANA Adhija, umupfakazi, umwe muri abo bakenyezi baba isilamu ati : « bamaze kuduha inyigisho zo kwiteza imbere mu migambi mito mito bakaduha n’agatahe, ubu ngeze ku nkwavu indwi, impene 4. Ndafise n’inkoko rero hamwe n’imbeba z’ikizungu ».
N’abandi banywanyi biryo shirahamwe, uhereye ku mukuru waryo Spès Caritas IRANKUNDA, barashima cane intambwe umugambi FAIR ubagejejeko. Ubu bararonka umwavu batabiza imirima gutyo bakaronka umwimbu n’ibindi vyankenerwa mu buzima bwabo bwa minsi yose. Baramenyesheje ko ubu bashobora kuronka amafaranga y’ishure y’abana bakaronka nivyo babafungurira.
Naho biruko, baravuze ko bafise intambamyi zo kuronka umuganga w’ibitungwa bagasaba kandi kuronswa uburyo bwo kwubaka impongore za kijambere. Ntibibagiye kandi gusaba ko bobandanya bafatwa mu mu mugongo kugira batere imbere gusumba.
Yaba Uwaserukiye Buramatari w’intara ya Gitega, yaba Musitanteri wa komine Mutaho barashimye cane ibimaze kurangurwa n’umugambi FAIR w’ishirahamwe EIRENE. Bakaba barasavye kurwiza ubufasha baha abo benegihugu hamwe no kurwiza abo bafasha.
Musitanteri wa komine Mutaho akaba yabasavye ko boza barisunga ca gitabu c’imigambi ya komine « PCDC » mu migambi yabo.
Abajejwe intwaro bari ngaho barashimiye cane Umunyamabanga Ntayegayezwa kuba yigoye agashika mu ntara ya Gitega kwirabira abenegihugu barongoye, aho bamenyeshejeje ko bibatera intege zo kubandanya ibikorwa vyo kwiteza imbere.
Mw’ijambo ryiwe, Nyakwubahwa Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji muvyo bujejwe harimwo Gushigikirana yarashimye ibikorwa Umugambi FAIR w’ishirahamwe EIRENE uriko urarangurira abenegihugu bo ntara ya Gitega cane cane muri iyo komine ya Mutaho.
Ponsiyano HATUNGIMANA yaramenyesheje ko muvyo ubwo Bushikiranganji bujejwe harimwo kuraba neza uko amashirahamwe akorera mubisata bijanye n’ivyo Ubushikiranganji bujejwe arangura imirimo yayo ku neza y’abenegihugu. Ati « ni naco gituma twashimye kwishikira kurubuga ngo twirabire koko ko ivyo twumvikanye kuzorangura muriko murabikora nkuko twavyemeranije mu masezerano twagiraniye igihe mwasaba gukorana n’Ubushikiranganji ».
Yarabashimiye cane yongera kandi arabakeza kuvyo bamaze kurangura, aca abasaba kubandanya biyumvira kandi bashira mungiro n’iyindi migambi iza iteza imbere abengihigu, eka mbere bagure aho bakorera bashike no muzindi ntara z’igihugu.
Yaciye abemerera ko Ubushikiranganji buzokwama bubashigikira mu migambi yose izoza iteza imbere abenegihugu. Yaboneyeho kubahamagarira kandi kwisunga ya mbono kazoza ya Reta mu migambi yabo, aho « mu mwaka w’2040 Uburundi kizoba ari igihugu cigaba kikigaburira, nayo mu mwaka w’2060 kikaba ari igihugu giteye imbere ».
Ku banywanyi b’ishirahamwe « Tusaidizane », Nyakwubahwa Umunyamabanga ntayegayezwa yarabashimiye cane ku kuntu bashoboye kuja hamwe bakiteza imbere nk’abakenyezi baba Isilamu, akaba yarabateye intege yongera abasaba ko nabo boza barokorera abandi bakabaha ibitungwa gutyo iterambere rikwire no mu babanyi babo. Yarasavye Musitanteri wa komine Mutaho ko yofasha ku cerekeye abaganga b’ibitungwa vyavuzwe ko bagoye kuboneka.