Ivyo vyagaragaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20 ruheshi 2023 kw’ibohero rikuru rya mpimba, aho Ubushikiranagnji bwo gushigikirana, imibano agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira buri kumwe n’ishirahamwe YWAM hamwe na Good News for Prisoners, baragendeye iryo bohero muntumbero yo kubagarukirako babashiriye imfashanyo igizwe n’Ibifungurwa vy’umuceri uhinguye ungana n’itoni 5 hamwe n’ivyambarwa vy’impuzu zikwiye abanyororo bose bahari, batibagiye n’ibirato vy’abana n’abakenyezi.
Nk’uko vyashikirijwe na Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, yarashimye icaze yahawe nabo muri ico kigo yongera aboneraho gushimira abarongoye ayo mashirahamwe yashoboye gufasha abatishoboye mu gihugu.
Yavuze kokugira ubwo bushikiranganji bugarukire kuri abo bantu bakeneye ubufasha, bama bikora kubarongoye amashirahamwe, maze abenegoihugu bagaheza bakaronswa ivya nkenerwa baba bakeneye.
Nawe uwurongoye ishirahamwe Ywam Burundi Jagen, yavuze ko uwu mucero batanze watanzwe n’igihugu ca amerika ukaba warahinguze kuburyo atankozo usabwa mugihe bariko barawufungura, kuko imboga zawo bihinguranywe.
Yahanuye ko mukuwutegura batwokwirirwa barawugosora kuko ngo baba bakuyemwo ivya nkenerwa umubiri ukenera.
Yavuze kandi ko haruhande yo kuzana umuceri itoni 5 bisunze ko umuntu wese ari muri iryo bohero ashobora kuronswa ikiro c’umuceri hamwe n’impuzu, kandi ko abana n’abakenyezi batabibagiye mukubazanira ivyambarwa vy’ibirato.
Uwaje nawe aserukira ishirahamwe Good News For Prisoners akaba yamenyesheje ko bama na ntaro bagarukira kubari mumabohero muntumbero yo kubaremesha no kubigisha inkuru nziza kandi ko abari mu mabohero bashima cane ico gikorwa.
Uwaserukiye apfungiwe muri iryo bohero rya mpimba akaba yarashimiye cane Reta y’Uburundi abicishije mukubitura uwaje aserukira Ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu.
Mwomenya ko ico gikorwa cari kimaze gukorerwa mu yandi mabohera agera kuri 8 ari mugihugu, ibohero rya mpimba rikaba ryagize irya cenda rigendewe kandi rironkejwe infashanyo nk’iyo.
Uwurongoye ibohero rikuru rya mpimba ari nawe yakiriye abo bashitsi, akaba yarakengurutse cane iyo nfashanyo akaba yateye akamo ayandi mashirahamwe kunganira Reta y’Uburundi mukuza baraza kugarukira kuri abo banyororo.
Abari basanswe ngaho bakaba barakengurutse iyo nfashanyo mu gukomera amashi menyi abaje kubagarukirako, nacane cane, cane cane ko ngo hari haciye igihe ata mfashanyo nk’izo ziboneka.