14 mars 2025

Uburundi bwarateye intambwe iboneka mu guteza imbere no gukingira agateka k’umukenyezi

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwasohoye itangazo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 7 ntwarante 2025, rijanye n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi. Uwo munsi ukaba uhimbazwa ku wa 8 ntwarante uko umwaka utashe.

Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo iterambere ry’umukenyezi, Nyakubahwa Imelde Sabushimike, yibukije abenegihugu bose, hamwe n’abafata ingingo ko kwubahiriza agateka ka kiremwa muntu harimwo ak’umukenyezi n’umwigeme, ari iteka rinini ku gihugu kandi ko ari kimwe mu mishinge y’iterambere rirama.

Umushikiranganji akaba yasavye abantu bose ko bohimbaza neza uwo munsi mukuru wahariwe umukenyezi mukwirinda inyifato zose zitajanye n’intumbero yawo.

Yaboneyeho kandi akaryo ko gukebura abakenyezi bamwe bamwe bitwara ukutariko kur’uwo musi abibutsa ko iyo ngendo idahuye na gato n’intumbero y’uwo musi mukuru, akabahamagarira nyabuna kugendera ubuntu n’urupfasoni vyamye biranka umukenyezi w’umurundikazi.

Uwo munsi mukuru ukaba uzohimbazwa aho bukera igenekerezo rya 8 ntwarante 2025, mu ntara ya Bubanza ku civugo kirgira giti : « Umukenyezi ni we nkingi y’Iterambere, tumushigikire mu migambi igana ku mbonakazoza y’igihugu cacu ».