Ni Icivugo mpuzamakungu c’uno mwaka, ni ukuvuga umwaka w’2022 ari naco igihugu c’Uburundi cashimye guhimbariza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, aho Uburundi bwahimbaje kuri uyu wambere igenekerezo rya 10 ndamukiza 2023 muri komine kabezi, Intara ya Bujumbura, ibirori vyo guhimbaza uwo munis bikaba vyari vyatewe iteka na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste NDAYISHIMIYE.
Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikirangnjinji wo Gushigikirana, imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari nawe asanzwe ajeje abagendana ubumuga mu Burundi, m
yashimiye k’uburyo budasanzwe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi k’ukugene yitwararikana urukundo rwinshi, ubwitonzi n’ubwira intama ziwe, gutyo ngo akama hafi abenegihugu biwe, abagendana ubumuga badasigaye inyuma.
Yamenyesheje ko abagendana ubumuga bari baripfuje cane ko nabo yobatera iteka mukuza ubwiwe guhagararira ibirori vy’uwo musi mukuru wabahariwe w’2022, akaba ndetse ari naco gituma ngo uyo musi mukuru wahora uhimbazwa kw’igenekerezo rya gatatu kigarama ukwo umwaka utashe wahimbajwe kw’igenekerezo rya 10 ndamukiza 2023, kubera ko ngo yakiranye urweze ico ciyumviro kandi umwanya none yashikanye isezerano.
Yibukije abari aho ko abagendana ubumuga batazokwigera bibagira na gatoyi Petero Nkurunziza yahoze Arongoye Uburundi, kuko ngo hari mu Kayanza, ku wa 03 kigarama mu mwaka w’2009, aho abagendana ubumuga bariko bariginana, nawe akaba yari yateye iteka ibirori nk’ivyo, aca afata ingingo idasanzwe yokugwiza na gatanu uburyo bwagenewe abagendana ubumuga, gutyo buva ku mafranga imiliyoni amajana atatu buja k’umuliyaridi n’igice.
Ngo iyo ngingo yaratumye abagendana ubumuga bakorerwa vyinshi, Kubera ibihe uburundi bwagiye buracamwo, ubwo buryo bwagiye buragabanywa ariko ngo akaba yizeye ko bukebuke bazosubira kuburonswa ndetse bukanarenga.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yvuze kandi ko uwo musi utaje giturumbuka, ngo Washinzwe n’ Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu nama yaryo yo mu mwaka w’1976, Mu mwaka w’1981, iryo shirahamwe ryaciye rigena ko uwo mwaka nyene woba uwagenewe abantu bagendana ubumuga (année internationale dédiée à la personne handicapée), hama rirongera rirashinga ko kuva mu mwaka w’1983 gushika mu mwaka w’1992 yoba imyaka 10 yitiriwe abagendana ubumuga.
Ngo Mu mpera z’iyo myaka 10 ni ukuvuga mu mpera z’umwaka w’1992, ibihugu bigize iryo shirahamwe, mu nama yavyo, vyarashinze ko uko umwaka utashe, igenekerezo rya 3 kigarama hohimbazwa mu bihugu vyose umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, maze kakaba akaryo ko kwirimbura, abantu bakarabira hamwe ivy’akozwe, ivyagoranye gutyo bakiha iyindi ntumbero izobaranga mu mwaka wose biciye mugutora n’icivugo bijanye.
Niko guca agaruka ku civugo mpuzamakungu c’uno mwaka, ni ukuvuga umwaka w’2022 ari naco igihugu c’Uburundi cashimye kugumya kikaba kivuga giti: “TUJE HAMWE TWESE DUHINDURE ISI YACU KUGIRA IDUFASHE GUSHIKIRA ITERAMBERE RIRAMA, ABAGENDANA UBUMUGA BADASIGAYE INYUMA ”.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yasiguye ko kugira ngo bafatiye kuri wa mugambi w’iterembere ry’igihugu w’imyaka cumi (2018-2027) hamwe na politike y’igihugu n’indiganizo y’ivyokorerwa abagendana ubumuga muri iyi myaka itanu( 2020-2024), ndetse tukanisuga ya migambi y’iterambere rirama (2015-2030) y’Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho na cane cane bavuga ko ata n’umwe yosigara inyuma mw’iterambere, Ubushikiranganji bwose, Amashirahamwe yose ndetse n’abantu bose, umwe wese muvyo ajejwe yumve ko akwiye gukora ukwo ashoboye kwose kugira ngo yame na ntaryo yitwararika ko kugira bashikire iterambere rirama ari ukwo mu migambi yose y’iterambere yiyumviriwe hobanza kuraba ko ibibazo vy’ abagendana ubumuga batavyirengagije, ngo abo nabo bagasabwa ko umwe wese m’ubumuga bwiwe yokwumva ko iterambere rimuraba kandi ko afise ico aterera igihugu kugira ngo bose babone kubaho atawe basize inyuma gutyo bashobore kwubaka ikibano kidakumira.
Uwurongoye ikigo Fondation Uwiragiye cabereyemwo ivyo birori, yashimiye cane nyeneicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi, aca agairako a;ausaba ko yamushigikira mu kubaronsa amazi, hamwe no kubaha ibitaro ngaho muri ico kigo bizofasha cane kuvura abagendana auburmuga, eka mbere n’abandi benegihugu badasigaye inyuma.
Buramatari w’intara ya Bujumbura nawe mw’ijambo ryiwe akaba yasavye ko Nyenicubahiro yogenera cane iyo ntara, kuko ngo ari nyabagendwa, eka mbere n’ibibazo vy’amatongo ari hepfo y’ibarabara rya 5 ry’ikaburimbo, ko abenegihugu boyarima.
Uwaserukiye abangendana ubumuga nawe mw’ijambo ryiwe, akaba yasavye ko uburyo bwahora buhabwa abagendana ubumuga bari bwagwijwe na 5, buciye mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, bwosubira bukaduzwa kuko ngo bwagabanutse, bigatuma imigambi bahora bakora batakiyirangura.
Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi akaba yashimye cane kandi akavuga ko ari icirwa gikomeye aho yiboneye ko abagendana ubumuga bashoboye ibitari bike.
Yavuze ko Ibikorwa vyo gufasha abagendana ubumuga vyahora bifashwa cane n’abihebeye Imana, none ko ahimbawe no kubona n’abandi barundi bashobora gufasha reta mukwitaho abagendana ubumuga.
Niko guca avuga ko azosubira muri ico kigo agiye gushirako ibuye ry’ umushinge w’ibitaro bizokwubakwa muri ico kibanza, aca avuga ko iyo abantu bagiye hamwe vyose bishoboka.
Mwomenya ko mu gusozera ivyo birori, Umukuru w’Igihugu yashikirije ibikoresho vy’abagendana ubumuga bibafasha kwiyunguruza, harimwo amamoto afise amapine ane, a;akinga y’amapine atatu, ibikoresho nsimburangingo na nyunganira ngingo hamwe n’itoni y’umuceri.