27 novembre 2024

Tubasavye kuba abanyabwenge, mugirire ishari ababayeho neza kugira namwe muheze mubeho nka bo

Ibi biri mu vyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wambere igenekerezo rya 4 Nyakanga 2023 i Bubanza muri komine musigati, neza na neza kuri zone n’umutumba wa Ntamba, aho yari yagiye yitwaje imfashanyo y’umuceri ungana n’itoni 3 hamwe n’amabati 2500.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe n’Umushingamateka yatowe muntara ya Bubanza (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yabanje kugendera inzu ziri kuri uyo mutumba wa Ntamba mu gacimbiri Buhoro, aho bita Kurushishima, akaba yariboneye ingene abenegihugu bava mumiryango y’abatwa babayeho munzu za mitego.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aha Nyakubahwa Umushikiranganji akaba yarabahamagariye gukura amaboko mumpuzu ngo bakore, kandi bafashanye gufyatura amatafari, Reta nayo ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano Agateka ka zina Muntu n’Iterambere Ridakumira.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aha Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE akaba yaciye agenda abahaye akarorero keza mu kubafyaturira amatafari kugirango arabe ingene nabo bogira umwete n’inguvu ngo baduze ibigega, baheze basakarirwe bave muri bene izo nzu za Nyakatsi.

Yabasavye kandi ko mugihe bubatse izo nzu, boza baragira ivyumba kugirango aho abakuze barara hatandukane n’aho abana barara.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yasavye abakiri bato kandi bafise inguvu kugira ishari, maze ngo iryo shari barigirire ababayeho neza, kugirango ivyo biheze bitere intege zo kwipfuza nabo kubaho nka bo.

Yasavye abo benegihugu kwiyumvamwo abajejwe intwaro, gutyo ngo ico bakeneye cose baheze boroherwe kukironka kandi ngo umwe wese yiyumve ko ari umwenegihugu abushitse.

Yarashimye ingingo yafashwe n’abajejwe intwaro muri iyo ntara yo guha amatongo abenegihugu bava mu miryango y’abatwa, aho mbere yaciye aboneraho kubasaba kutazogurisha canke gukotesha ayo matongo mugihe bozoba bamaze kuyaronswa.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ariko Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yaraneguye ukungene abo benegihugu yagendeye atanumwe yashaboye gutunganya akarima ko mu kigo, akarima k’igikoni, aca abasaba kukagira kugirango gaheze kabunganire mugufungurira imiryango yabo.

NDUWIMANA Pierre, Aserukira Ubushikiranganji bujejwe Gushigikirana Muri Komine Musigati (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Aho rero akaba yaciye asaba uwuserukira ubwo bushikiranganji muri iyo komine ya Musigati yitwa NDUWIMANA Pierre, kwama na ntaryo abagendera kugirango abigishe ibijanye n’ingo n’imiryango, maze bubakane biciye mumategeko baheze baje mubitabu ndangamuntu.

Yaribukije abari aho ko Uburundi bwafashe ihangiro ryo kugeza mumwaka 2040 ari igihugu cifashe, nayo mu mwaka 2060 igihugu giteye imbere, ati « ivyo rero ntidushobora kubishikako mugihe hakiri abakiba munzu nka zirya twabonye za Mitego ».

Yavuze ko uruhara rw’uwariwe wese ari ntangere kugirango Uburundi butere buja imbere.  Ari nako guca abahamagarira kwitabira wa mugambi wo kworora inkwavu, narirya zunguka ningoga, ngo bashobore kwikenura.

NIYINYIBUKA Charlotte, Umunyeshure w’umutwakazi yatoye ikibazo ca Reta, yahora yiga kuri Ecofo BUMBA yo muri iyo zone ya Ntamba (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yabasavye cane cane gushira abana mumashure, aho mbere yaciye abaza mu bari aho muri iyo miryango y’abatwa ko hari abana batoye ikibazo co mumwaka w’icenda, hakaba habonetse umwana umwe gusa yitwa NIYINYIBUKA Charlotte, yahora yiga kuri Ecofo BUMBA yo muri iyo zone ya Ntamba.

Jean Bosco NDIKUMANA, Umuyobozi mw’ishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya Bubanza (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe Umuyobozi mw’ishikira mu biro vya Buramatari w’intara ya Bubanza mw’ijambo ryiwe akaba yarashimye cane urugendo rwa Nyakubahwa Imelde SABAUSHIMIKE muri iyo ntara ya Bubanza, hamwe n’agaseke k’ibifungurwa n’ibisakazo yaje abazaniye.

Yavuze ko iyo ntara ifise abenegihugu bava mu miryango y’abatwa bagera 1225, kakaba bafise inzu z’ibigega 121 zikeneye gusakarwa, hamwe n’abana b’abanyeshure bagera ku 380 harimwo 329 biga mumashure y’intango, 49 biga inyuma y’ishure shingiro hamwe na 2 biga muri kaminuza.

Niko guca asigurira abari aho ko hari ibibazo bitatu nyamukuru, ivyo navyo ikiza ubwambere ngo ni ikibazo c’indero kuko ngo hari abana benshi bava muri iyo miryango batiga, ngo ikigira kabiti akaba ari ikibazo c’uburaro, hanyuma ubwa gatatu hakaza ikibazo c’amatongo.

Aho akaba yaciye avuga ko intara ya bubanza yafashe ingingo yo guha amatongo abenegihugu b’abatwa mumazone afise amatongo ya Reta mbere ngo n’abatayafise babakotere aho barima.

Aho akaba yaciye aboneraho gusaba Umushikiranganji kuzobaterera mukubaronsa imbuto muri gihe bazoba bariko bararima.

Akaba yarangije asaba kandi Umushikiranganji kuzogendera n’izindi komine kuko ngo muri iyo ntara hakiri abakeneye ibisakazo batari bake.

Come MANIRAKIZA, Umushingamatega yatowe muntara ya Bubanza (Ifoto na elie HARINDAVYI)

Nawe Umushingamatega yatowe muri iyo ntara ya Bubanza kandi ava kuri uwo mutumba wa Ntamba Come MANIRAKIZA, yarashimye urugendo rw’uwo mushikiranganji yongera ku gatwe kiwe kwemera kuzobaronsa imisumari n’imburumburu zizofasha gusakara ayo mabati kubazoba badugije ibigega.

Akaba ariko yagaye ko hari umwana umwe ava mumuryango w’abatwa atiga yahevye ishure ageze mu mwaka w’icumi na rimwe, yitwa NIZIGIYIMANA Didas, ibitashimwe na Nyakubahwa Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE.

Gushikiriza ibikoresho vy’ishure abanyeshure (Ifoto na Elie HARINDAVYI)
Gushikiriza ibikoresho vy’ishure abanyeshure (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Ico gikorwa c’uwo munsi kikaba caranzwe no gushikiriza ibikoresho vy’ishure abanyeshure 150 baronkejwe amakaye 900 hamwe n’amakaramu 300.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya kandi ko nyakubahwa Umushikiranganji Ajejwe gushigikirana, yarangije ashikiriza ibifungurwa vy’umuceri abo benegihugu ahereye kubageze muzabukuru.

Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ariko ashikiriza amabati
abenegihugu badugije ibigega (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Mwomenya kandi ko Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE ari kumwe n’Umushingamateka yatowe muri iyo ntara hamwe n’umuhanuzi mwishikira mu biro vya Buramatari w’Intara ya Bubanza baciye bashikiriza amabari abenegihugu bashoboye kuduza Ibigega.

 

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →