30 juin 2024

Reta y’Uburundi yama yitanga itiziganaya kugira Agateka ka Zina Muntu kamenyekane kandi kubahirizwe mu mice yose y’igigugu

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira bwaratunganije kw’igenekerezo rya 13/6/2024 muri zone Ijenda ya komine Mugongomanga, inyigisho z’Agateka ka Zina Muntu ku batowe ku mitumba n’abakuru b’ama Sentare y’itango bo muma Komine ya Matana, Mugamba na Mugongomanga.
Umuyobozi Mukuru ajejwe Agateka ka Zina Muntu n’inyigisho zo gutsimbataza amahoro muri ubwo Bushikiranganji, Nyakubahwa Désiré Harimenshi, akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yama yitanga itiziganaya kugira Agateka ka Zina Muntu kamenyekane kandi kubahirizwe mu mice yose y’igigugu.
Yashikirije ko izo nyigisho zikorwa mu ntumbero yo kwungura ubumenyi n’ubushobozi vya buri muntu wese mu bijanye no guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu.
Yarongeye aramenyesha ko izo nyigisho,zunguka ubumenyi mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri rusangi, na cane cane ibijanye n’amasezerano mpuzamakungu igihugu c’Uburundi cateyeko umukono.
Yaribukije abitavye urwo ruganda ko vyibonekeje neza muri kahise ko kutamenya no kwirengagiza ibijanye n’agateka ka zina muntu vyatumye ikiremwa muntu gikorerwa amabi atagira izina mu mihingo myinshi y’isi. Aca amenyesha ko ari navyo vyatumye abantu biyumvira ko hakwiye gufatwa ingingo zotuma akabi kabishe katokongera kuvurwa kw’isi, bikaba ari navyo vyaciye bigaragarira mw’itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu, ifatiro rikuru ry’ubundi burenganzira bwose bwa kiremwa muntu.
Umuyobozi mukuru muvyo ajejwe harimwo agateka ka Zina Muntu yavuze kandi ko bahisemwo gutanga izo nyigisho ku batowe ku mitumba n’abarongoye ama Sentare y’Intango kuko nabo bafise uruhara ntagere mukubahiriza no guteza imbere agateka ka zina muntu.
Abitavye urwo ruganda bakaba barashoboye gukurikirana inyigisho zerekeye (i) Itangazo mpuzakungu ry’Agateka ka Zina Muntu, (ii) Urudandazwa rw’abantu, (iii) Gutatura amatati bidaciye mu nguvu, hamwe n’izijananye (iv) n’Umwenegihugu abushitse.