Ivyo biri muvyashikirijwe na Nyakubahwa Desiré HARIMENSHI, Umuyobozi Mukuru ajejwe agateka ka Zina Muntu mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira mu kwugurura uruganda rw’inyigisho zerekeye agateka ka zina muntu, kwigisha kubana mu mahoro no gusubiza hamwe , zigenewe abajejwe intwaro mu ma komine, abahuza bo ku mitumba, hamwe n’abaserukira ubuyobozi bw’iterambere ry’ingo n’imibano mu ma komine no mu ntara ya Mwaro, zatunganijwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Myandagaro 2023.
Yamenyeshejeko Reta y’Uburundi ataco idakora kugira agateka ka zina muntu kamenyekane kandi kongere kubahirizwe mu mice yose y’ubuzima bw’igihugu. Aha mukamenyako Reta yashize mu ntara zose no mu makomine yose ubuyobozi n’ubuserukizi bujejwe guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu. Harakozwe kandi isubirwamwo ry’itunganywa ry’amategeko atandukanye hamwe no gukuraho igihano co gupfa.
Ati « ni no muri iyo ntumbero Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka zina muntu, n’Iterambere Ridakumira butunganya inyigisho z’agateka ka zina muntu zigenewe abenegihugu bo mu mice itandukanye yo mu gihugu c’Uburundi ».
Yavuze kandi ko izo nyigisho zikorwa mu ntumbero yo kungura ubumenyi n‘ubushobozi vy‘abenegihugu mu bijanye no guteza imbere no gukingira agateka ka zina muntu.
Muri izo nyigisho kandi, ngo abo ziba zigenewe barunguka ubumenyi mu bijanye n’agateka ka zina muntu muri rusangi hadasigaye inyuma ibijanye n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko igikumu.
Nyakubahwa Desiré HARIMENSHI yibukije abari aho ko muri kahise, vyibonekeje neza ko kutamenya no kwirengagiza ibijanye n’agateka ka zina muntu vyatumye haduka amabi akorerwa kiremwa muntu mu mihingo myinshi y‘isi.
Ivyo rero ngo vyatumye abantu biyumvira ko hakwiye gufatwa ingingo zotuma akabi kabishe katokongera kuvurwa kw’isi.
Ati « Ni navyo bigaragara mw‘Itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu ari naryo fatiro ry’ubundi burenganzira bwose bwa kiremwa muntu kandi. Yongeyeko ko bikenewe cane rwose ko agateka ka zina muntu gakingirwa cokimwe
n’amateka n‘amategeko yubahiriza ako gateka kugira abantu babane batekaniwe ».
Nyakubahwa Desiré HARIMENSHI yavuze ko bahisemwo gutanga izo nyigisho kuri iyi migwi y’abanatu, kuko mu bikorwa vya minsi yose bajejwe kwakira no gutunganiriza abenegihugu babitura badasize inyuma gutatura amatati bidaciye mu ngimba.
Ati « Birakenewe cane rwose ko mumenya ibiri mu mategeko mpuzamakungu ndetse nayo ku rwego rw’igihugu akingira kandi agateza imbere agateka ka zina muntu, na cane cane kwubahiriza no gushira mu ngiro ayo mategeko bisaba ishaka no kwitanga vy’uwariwe wese».
Abo bari batumiwe bakaka bakurikiranye inyigisho zerekeye:
– Itangazo mpuzamakungu ry‘agateka ka zina muntu
– Umwenegihugu abushitse
– Uburenganzira bwo kuba mu mahoro
-Ibiri mw’itegeko rigenga urwego rw’abahuza bo kumitumba
Mwomenya ko izo nyigisho zari zakurikiranye na Nyakubahwa Buramatari w’intara ya Mwaro Colonel GASANZWE Gaspard, aho mw’ijambo ry’ikaze yashimiye cane Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwo bwashimye ko inyigisho nkizo zitangurira muntara ya Mwaro.