16 septembre 2024

Reta y’Uburundi iramaze kurangura ibitari bike mu ntumbero yo gushigikira hamwe no guteza imbere abafise amikoro make, harimwo n’abatwa

Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakubakwa Prosper Bazombaza, icegera c’Umukuru w’Igihungu c’Uburundi kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 9 Myandagaro 2024 muri komine Matana y’Intara ya Bururi, aho hari haramutse hahimbazwa Umunsi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka.
Ku rwego rw’igihugu, uwo munsi ukaba wahimbajijwe ku civugo kigira giti : « Duharanire uburenganzira bw’Abatwa mu Burundi bushimikiye kuba kumwe n’abandi mu mibano hamwe no mu butunzi».
Icegera c’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi imaze kurangura ibitari bike mu ntumbero yo gushigikira hamwe no guteza imbere abafise amikoro make, harimwo n’abatwa. Aha twovuga nkokubavuza kubuntu, kubaronsa ibisakazo ngo bagire uburaro bwiza; kurihira amashure abana b’abatwa bagiye mumashure afise uburaro, ndetse bakaronswa n’ibindi vyankerwa.
Yarongeye aramenyesha ko Reta y’Uburundi yashizeho umugambi wo kubaronsa amatongo gutyo nabo baronke aho bakika umusaya naho bakubita isuka.
Aha akaba yaciye amenyesha ko yazindukiye gutanga itongo ringana na hegitari 6 ku miryango 21 y’asangwabutaka bo muri komine Songa, intara ya Bururi. Iryo tongo Reta ika yaribahaye ku kiringo c’imyaka itanu ngo bariranguriremwo Imigambi yo kwiteza imbere.
Yaratanze impanuro zitari zike zijanye n’ukubungabunga iryo tongo bakarikoresha ico ryagenewe, atari ukwo bazoryakwa rihabwe abandi.
Aha akaba yabasavye gukura amaboko mu mpuzu gutyo baterere muri ya Mbonakazoza y’Igihugu cacu, aho Uburundi azoba ari igihugu cifashe mu 2040, kikaba igihugu giyeye imbere mu 2060, kuko intumbero ya Reta Mvyeyi, Reta Nkozi nukwo atawosigara inyuma mw’iterambere.
Yaciye ashikiriza ko Reta y’Uburundi atako itazokora kugira ngo ibandanye ishigikira abafise amikoro make n’abatwa barimwo.
Nayo Umushikiranganji Muvyo ajejwe harimwo gushigikirana, Nyakubahwa Imelde Sabiushimike, yarashimye cane akigoro ka Reta y’Uburundi kubimaze kurangurirwa abasangwabutaka ndetse n’abandi benegihugu bafise amikoro make.
Akamenyesha ko bazobandanya gushira mu ngiro umugambi ujanye no gushigikira no guteza imbere abafise amikoro make n’abatwa barimwo.
Nayo Ngendakumana Evariste yaserukiye abasangwabutaka na wenyene yarashimye ingingo ya Reta yo kubashigikira ariko agasaba ko boshigikirwa no mu bindi nko kuronswa amatongo no gufashwa mu butungane.