Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2023, Nyakwubahwa Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yaragendeye ikigo kireze impfuvyi kiri i Buye muri Komine Mwumba, Intara ya Ngozi, kirongowe na Nyakwubahwa Denise BUCUMI NKURUNZIZA.
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana akaba yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’itoni 2 z’umuceri, ibiro 250 vy’ibiharage, ibiro 250 vy’isukari, amaritiro 40 y’ amavuta y’amakoto yo guteka, amata y’ifu bita NIDO y’abana bisununuye hamwe nayitwa France-Lait y’inzoya, imitobe y’abana, ibisuguti, pamperise n’ibindi.
Mw’ijambo ryiwe Umushikiranganji Imelde SABUSHIMIKE yarashimiye cane Nyakuwubahwa Denise BUCUMI NKURUNZIZA kuri uwo mutima w’urukundo wokwiyegereza ibibondo bitagira kirera, ati « Ntagashimwe nakamwe tworonka kangana n’ibikorwa mukorera aba bana ». Niko guca amenyeshako ivyo bikorwa birangurwa muri ico kigo biri muntumbero ya Reta yo kwitaho ineza y’abana n’imiryango, kuko bisahiriza Reta naburya umwana atari uwumwe.
Nyakwubahwa Denise BUCUMI NKURUNZIZA arongoye ico kigo yarashimye cane kubona umushikiranji wo gushigikirana yashishiriye, akahishikira we nyene ubwiwe, aje abazaniye agaseke gateye igomwe. Yamenyeshejeko muri ico kigo yakira abana b’impfuvyi bakiri bato cane baba babuze abavyeyi bakiri kw’ibere, maze bamaze gukwiza imyaka itatu gushika kuri itanu hamwe bashobara gufungura imyumbati, amateke, ibitoke n’ibindi bifungurwa vy’abakuze ko aheza akabasubiza mu miryango yabo kugirango bayikuriremwo, baharonkere urukundo bashobore no gukururikirana amashure. Uwo Muvyeyi arongoye ico kigo yarongeye aramenyeshako ico gikorwa kitoroshe nagato, kuko gisaba uburyo bwinshi. Akaba mbere yaciye atera akamo ingo zifise, ko hamwe zigiye ziratora umwana umwe canke babiri, atamwana yosigara atagira kirera.
Mwomenya ko ico kigo giherutse kuramura abana bangana 42 basubijwe mumiryango yabo, kikaba gisigaranye abandi 52.