Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Munyonyo 2022 I Bujumbura, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira Yagendeye ibisata bitandukanye nk’uko bisanzwe mu mirimo yiwe ya minsi yose.
Akaba yasanze hari ibisata abakozi badatonda ku gihe nk’uko bisanzwe, aho vyagaragaye ko ata bakozi yasanze ku kivi akaba ari mu Bugenduzi Bukuru bw’ubwo Bushikiranganji yakiriwe n’umukozi akora isuku hamwe n’umuhanuzi umwe kugeza igihe c’isaha hafi zitatu zigitondo. Abagenduzi bose uko ari bane akaba ata numwe yasanze mu biro.
Ahandi Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yagendeye akaba ari mu bisata bijejwe abana n’imiryango, aho yakiriwe n’umuyobozi ajejwe ico gisata. Akab ayaboneyeho kumuyagira ibikorwa birangurirwa muri ico gisata, hakaba hibonekeje cane cane ingorane y’abana bo mw’ibaranara kuko ico gisata ari co gikurikiran ikurwa mw’ibarabara ry’abo bana.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba ayaciye amusaba gutanga ibikorwa boba biyumviriye kurangurwa bikuru bikuru vyotuma haboneka umwimbu mu minsi ya vuba (Activités Phare), maze akama na ntaryo akorana n’abahanuzo bari muri ico gisata arongoye, bashobore kwiyumvira bishasha vyokorwa (Innovations).
Avuye ngaho akaba yaciye agendera ikindi gisata kijejwe kugarukana umwizero ku bahuye n’ibibazo bitandukanye (Département de l’Intégration Sociale).
Aho Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaciye aganira n’abakozi b’ubwo Bushikiranganji ari mw’idirisha risanzwe ryakirirwamwo ababitura basaba kuvuzwa indwara zitandukanye, baraheza baramubwira zimwe mu ntambamyi zikunda kwibonekeza muri ico gisata.
Izo nazo zikaba ari izo kumenya neza abakenyeye ubufasha cace cane bwo kuvuzwa kuko hari n’igihe usanga impapuro za ntahonikira atri izukuri, abakozi b’ico gisata bakaba ataburyo baronswa bwpo kwishikira ku mitumba kugirango batohoze neza ko ibigaragara mu mapuro ari ivyukuri, bagaheza bakifasha abaserkira ubwo bushikiranganji mu ntara hamwe n’abaremeshakirayo bari mu makomine yose agize igihugu kugirango bemeze koko ko umuntu agira afashwe ari ntahonikora vy’ukuri.
Ikindi cagaragaye n’uko hari indwara zitwara uburyo bwinshi, nk’indwara z’amafyigo zisabwo kuziburwa (Dialyse), zigatuma umwenegihugu adashobora kwirihira uburyo busabwa, maze naho yoba yahora yifise, agaheza agacika ntahonikora, agaca afatwa mumugongo n’ubwo Bushikiranganji bujejwe gushigikirana.
Ikindi gisata yagendeye kikaba ari ikijejwe kugarukira kubahuye n’impanuka zitandukanye zaba izivuye kwihindagurika ry’ibihe canke amasanganya atangukanye, aho naho nyene yabasanze kukivi.
Abo bayoyozi batwara ivyo bisata bakaba bari kuki, mbere bakaba bamuyagiye ibitari bike birangurwa muri ivyo bisata bajejwe.
Akaba yabahanuye kwama na ntaryo bakoresha amanama abakozi barongoye naho bari basanzwe bayabakoresha, muntumbero yo kubabaza ibikorwa bishasha (Innovations) bobona ko bikwiye kurangurwa, kuneza y’abenegihugu ubwo Bushikiranganji butunganiriza.
Ati « burya abahanuzi banyu barafise ivyiyumviro n’imigambi irashe yotuma Ububushikiranganji bwogerako mu gukora bishasha bitahora bikorwa ».
Aca agirako abaremesha ko imigambi mishasha idakorwa n’amashirahamwe gusa nkuko bamwe bariko barabishikiriza, ko ahubwo na Reta itegura imigambi kandi igaheza igashirwa mungiro, mbere n’abasanwze bashigikira bakaronka ico bafatirako mu gushigikira.
Nawe Nyakubahwa Pontien HATUNGIMANA, umunyamabanga ntayegayezwa Mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba yari yazindukiye mu kigo Maison des Femmes hamwe na Centre d’Excellence aho naho nyene yasanze abakozi kukivi, aca aboneraho kubagirisha inama.
Ibikuru bikuru yabasavye bikaba ari kugira imigambi iboneka ituma inyuma y’igihe runaka umwenegihugu abona aho avuye naho ubushikiranganji bubashikanye mw’iterambere.
Yabahanuye ko batoguma bakorera muvyo bahoramwo kuva na kera (Activités de Routine) ahubwo ko boza bariyumvira imigambi mishasha iza yunganira umwenegihugu yitura ubwo Bushikirangnji.