27 novembre 2024

“Ni mwabona n’ikindi gihe tudodoye tukisabira ko muza kuduha izindi nyigisho, muze mutwitwararike, mudukarihirize ubwenge”

Ayo ni amwe mu majambo ya Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira aho yariko atanga impapuro ku bakozi b’ubwo bushikiranganji bakurikiranye inyigisho zijanye n’isuzuma ibijanye n’ubutunzi zahawe abakozi  b’ubwo Bushikiranganji  kuva kw’igenekerezo rya 24 nzero gushika kurya 3 ruhuhuma 2023 zabereye i Bujumbura.

Yavuze kandi ko Ubwo bushikirananganji bwari bwabaye ubwambere mw’ishirwa mungiro ry’ibikorwa vya Reta, none ko n’ubu yipfuza ko bwokwamana ico kibanza, ariko ngo n’ubjejwe abakozi ba Reta bwabarungikiye ababigisha bwoca buza ubwa kabiri.

Yanibukije abari aho ko hari igihe usanga Umuyobozi Mukuru wa ENA atazi neza ko afise abantu nk’abo bazi ibintu vyinshi cane, mbere ngo basumvya ubumenyi n’abahora baza bava hanze y’igihugu.

Yaboneyeho gukeza abakozi 27 bakurikiranye izo nyigisho, kandi ngo burya impapuro (Certificats) baronkejwe ngo ni  ikintu gikomeye cane kuko ngo abiga bakuze bica bibafasha mubuzima, kuko ngo baca babishira mungiro.

Mbere ngo hari n’abazoshobora kuzozikoresha mu kuronka akandi kazi aca abipfuriza kubandanya batera  intambwe, no kubikorwa vya minsi yose bagiye kuzoca barangura neza gusumba uko vyahora.

 

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →