5 mai 2024

Mu ntumbero yo gikinga irindi sanganya ryoshobora kwaduka, barasabwa kudasubira aho bavuye guhiga utwo basoroma batabiherewe uruhusha n’ababijejwe

Umwana w’imyaka 5 yaritavye Imana, abantu 4 barakomereka, abantu 2485 ntibagira ahobakika umusaya biturutse kumusozi wasidutse kumutumba Gabaniro, zone Gitaza, komine muhuta y’intara ya Rumonge,  aho hari kw’igenekerezo rya 20 ndamukiza 2024.
Umunyamabanga Ntayegayezwa mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, Nyakubahwa Ponsiyano Hatungimana, yaragendeye kw’igenekerezo rya 21/4/024, abataye izabo kubera iryo siduka ry’umusozi, mu ntumbero yo kubaremesha no kubashigikira,  akaba yagiye yitwaje agaseke k’itoni 19 z’umuceri n’ibindi bikoresho vyankenerwa nk’indobo n’ibindi.
Umuryango wose ukaba waronkejwe ibiro 40 vy’umuceri. Yaboneyeho kandi kubaremesha yongera abasaba kubandanya bafantanye mu nda mbere abo bikunda baje gusaba indaro gutyo bazobandanye bababakurikirana ariko bari mu miryango. Aha yaciye aboneraho gutera akamo ababishoboye bose kugarukira kurabo benegihugu.
Nayo mu ntumbero yo gukinga irindi sanganya ryoshobora kwaduka, Umunyamabanga Ntayegayezwa ari kumwe n’abajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge yasavye abo benegihugu kudasubira aho bavuye guhiga utwo basoroma batabiherewe uruhusha n’ababijejwe.