- Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu uko umwaka utashe, Uburundi birifatanya n’amakungu muguhimbaza Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme.
- Uwo Musi Mukuru Mpuzamakungu Wahariwe Umwigeme utanga akaryo keza ko kurabira hamwe intambwe imaze gushikwako mu bijanye n’iterambere ry’umwigeme, kurabira hamwe intambamyi zikihari, hagafatwa n’ingingo yo kwiyemeza kumushigikira gusumba.
- Uno mwaka, uwo munsi mukuru ushitse Leta y’Uburundi yishimiye intambwe igezweko muguteza imbere umwana w’umwigeme. Aha twovuga nk’ingingo yashizweho yo gufatanya imyaka 6 y’amashure matomato n’imyaka 3 y’amashure y’isumbuye. Iyo ngingo ituma abana bamaze imyaka 9 biga, bagira ishaka n’umutima vyo kubandanya amashure. Ku rundi ruhande bigatuma n’ubwo vyoshika agaheba, aba amaze kuronka ubumenyi butuma yitunganya neza muri kazoza kiwe gutyo agashikira iterambere.
- Nico gituma icivugo c’uno mwaka kivuga kiti : «Samiriza ijwi Dushigikire iterambere rirama ry’umwigeme w’umurundikazi ».
- Kino civugo gihamagarira abo bose bakorera mu gisata c’iterambere ry’umwigeme kwitaho gusumba kumuteza imbere mu bisata vyose no kwubahiriza agateka kiwe.
- Ngaha mu gihugu cacu, Ibirori vyo guhimbaza uwo musi Mukuru Mpuzamakungu wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 12 Gitugutu mu ntara ya Bubanza, ku murwa mukuru wa komine ya Mpanda.
- Duhamagariye abarundi bose na cane cane abo mu ntara ya Bubanza kuza guhimbaze uwo musi mukuru wahariwe umwana w’uwigeme, bawuhimbaze mukanyamuneza, batere intege umwigeme wese kugira ashikire iterambere rirama.
- Turipfurije umusi mukuru mwiza abana b’abigeme bose.
- Imana Ibahezagire. Murakoze.