27 novembre 2024

ITANGAZO RY’UBUSHIKIRANGANJI BWO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’IHIMBAZWA RY’UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMWIGEME, umwaka 2021

  1. Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arasoma itanganzo (ifoto na Elie HARINDAVYI)

    Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu, Uburundi burifadikanya n’ayandi makungu mu guhimbaza Umunsi Mpuzamakungu wahariwe umwigeme .

  2. Umunsi Mpuzamakungu wahariwe umwigeme ni umusi uha akaryo ibihugu ngo birabire hamwe intambwe bigezeko mu gushira mu ngiro ivyo vyiyemeje mu ntumbero yo guteza imbere agateka kiwe no kwiyemeza kumukingira no  kumushigikira gusumba.
  3. Uno mwaka, uwo munsi mukuru ushitse mu gihe Leta y’Uburundi yishimiye intambwe igezweko muguteza imbere agateka k’umwana w’umwigeme. Aha twoshimikira canecane kwishingwa ry’igisata kijejwe ineza y’umwigeme  n’itunganywa ry’umugambi w’igihugu werekeye kurwanya inda z’indaro.
  4. Uwo munsi mukuru ushitse kandi mu gihe abigeme b’abarundikazi bamaze iminsi berekanye ubuhinga n’ubukerebutsi bidasanzwe mu bisata vyo kwinonora imitsi n’inkino aho abigeme bateye iteka igihugu cacu, ururimbo rugihayagiza rugasamirana mu makungu.
  5. Uwo munsi mukuru uzohimbazwa hisunzwe icivugo kivuga kiti : «Duharanire kazoza keza k’umwigeme w’Umurundikazi».
  6. Kino civugo gihamagarira umwenegihugu wese n’abo bose igihugu cacu gihaye indaro guharanira igihe cose ineza y’umwigeme no kwubahiriza agateka kiwe .
  7. Ibirori vyo guhimbaza Uwo musi mpuzamakungu wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu mu ntara ya Bujumbura, ku murwa mukuru wa komine Kabezi.
  8. Tukaba dutumiriye Abarundi bose ngo bahimbaze uwo musi mukuru wahariwe umwana w’uwigeme mu kanyamuneza no kumutera intege muguharanira  kazoza kiwe keza.
  9. Twipfurije umusi mukuru mwiza abana b’abigeme bose.
  10. Murakoze , Imana ibahezagire

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →