27 novembre 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU, N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RYEREKEYE GUTANGUZA ICESE ISEKEZA RY’IMINSI 16 YAHARIWE KURWANYA AMABI AKORERWA ABAKENYEZI N’ABIGEME; UMWAKA W’2024.

  1. Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, Uburundi burifatanya n’amakungu mu gutanguza Isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme. Ico kiringo c’iminsi cumi n’itandatu gitangura ku wa 25 Munyonyo kikarangira ku wa 10 Kigarama.
  2. Iryo sekeza ryashinzwe mu ntumbero yo kwibuka abakenyezi benshi n’abigeme bashikirwa n’amabi afatiye ku gitsina bigatuma ataho bishikana canke ngo bashikane imiryango yabo.
  3. Ni akaryo keza kandi kuri abo bose biyemeje kurwanya amabi afatiye ku gitsina ko gusubiza amaso inyuma ngo barabire hamwe aho bateje ikivi ; ivyagenze neza babishishikare, ivyabagoye na vyo babitorere umuti nakare abakurambere barayamaze bati : « Akatavuga ntigahenda akavuga ». 
  4. Icivugo ngenderwako uno mwaka kivuga kiti, « Twerekeza ku myaka 30 y’umugambi w’i Beijing, tuje hamwe dutuze amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme « . Kino civugo rero gihamagrira abo bose bakora batiziganya ngo amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme atuzwe na canecane ama Reta gusubiza amaso inyuma bagasuzuma intambwe bagezeko mw’ishirwa mungiro ry’amasezerano mpuzamakungu yerekeye kurandurana n’imizi ubwoko bwose bw’amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme mugihe haheze imyaka 30 yose hatewe umukono k’umugambi w’i Beijing ; akagira urunani rw’intamenwa mugufata ingingo zibereye kugirango amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme atuzwe burundu.
  5. Uno mwaka iri sekeza rishitse mu gihe Reta y’Uburundi iriko iritanga bimwe biboneka ngo ako karanda gatuzwe mu gihugu biciye mu gushigikira yivuye inyuma ibikorwa vyo kwiteza imbere ku  bakenyezi, aha twovuga ishingwa ry’ibanki yabagenewe, itegurwa ry’umugambi w’igihugu wo kurwanya inda z’indaro hamwe n’igwizwa ry’ibigo abakorewe amabi afatiye ku gitsina baronkeramwo ubufasha bwose bakeneye mu kibanza kimwe.
  6. Muri ico kiringo, ibikorwa bitari bike birategekanijwe na canecane  imenyekanishwa ry’umugambi uhinyanywe w’igihugu werekeye kurwanya amabi afatiye ku gitsina.
  7. Ibirori vyo gutanguza icese iryo sekeza bizoba kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2024 ku murwa mukuru wa Komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza, bikazoterwa iteka na Nyenicubahiro Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Cacu.
  8. Turangije duhamagarira Abarundi bose kwitaba ibirori vyo gutanguza iryo sekeza no gukwirikirana ibikorwa vyategekanijwe muri ryo, kugira ngo dutere intambwe iboneka mu gutsimbataza agateka k’umukenyezi n’umwigeme, nabo babone guteza imbere imiryango y’abo n’igihugu cabibarutse.
  9. Ni hahangame Uburundi buzira amabi akorerwa abakenyezi n’abigeme !

                       Murakoze ! Imana ibahezagire !