27 novembre 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGENDANA UBUMUGA, UMWAKA W’2019

  1. Kw’igenekerezo rya 3 Kigarama ukwo umwaka utashe, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga kw’isi yose.
Nyakubahwa Maritino NIVYABANDI, Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira igihe yariko arasoma itangazo (Ifoto na Eliya HARINDAVYI)
  1. Kugira ngo duteze imbere kandi dukingire agateka k’abagendana ubumuga, Leta y’Uburundi ibicishije k’Ubushikiranganji bujejwe Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira, ndetse iramaze gukora ibitari bike. Aha twovuga nko kugorora no kuronsa abagendana ubumuga ibikoresho vyo kwiyunguruza, kubigisha imyuga itandukanye no kubaronsa ibikoresho bijanye n’imyuga bize, gushigikira Ibigo n’Amashirahamwe vy’abagendana ubumuga mu kubaronsa uburyo bujanye no gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere, itanguzwa ry’inyigisho zidakumira abagendana ubumuga ku mashure yakarorero, n’ibindi vyinshi.

 

  1. Mu bijanye n’amategeko, kw’igenekerezo rya 26 ntwarante 2014, Leta y’Uburundi yarateye igikumu ku Masezerano Mpuzamakungu agenga agateka k’abagendana Ubumuga, yaremeje kandi n’itegeko ry’igihugu rijanye no gushira mu ngiro ayo masezerano, hari kw’igenekerezo rya 10 nzero 2018. Aha ntitwokwirengagiza kandi ko inama nshikiranganji yakoranye kw’igenekerezo rya 19 ruheshi uyu mwaka, yemeje politike y’Igihugu n’indiganizo y’ivyokorerwa abagendana ubumuga muri iyi myaka itanu iri imbere, kuva2020 gushika 2024.

 

  1. Naho hariko harakorwa vyinshi, impinga iracari ndende uravye ingene abagendana ubumuga bangana hamwe n’ivyo bakeneye ufatiye k’ubumuga bw’umwumwe wese. Nico gituma iruhande ya wa mugambi wa Leta wahariwe gushigikirana mukibano hamwe n’iryo tegeko nyene twamaze kuvuga, ubushikiranganji bubijejwe ndetse n’ibisita bitandukanye vy’igihugu, abikorera utwabo n’abenegihugu bose badasigaye inyuma bahamagariwe umwe wese mubimuraba kwerekana ingene bagiye gushira mu ngiro iyo politike n’indiganizo y’ibikorwa vyayo.

 

  1. Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi Mukuru bizobera ku kibuga c’umupira w’amaguru Ingoma kiri i Gitega ku murwa mukuru wa Politike w’igihugu c’Uburundi kw’igenekerezo rya 3 kigarama 2019 ku civugo kivuga giti: “Imigambi y’iterambere rirama kuri bose mu kwubaka ikibano kidakumira”

 

  1. Duhamagariye abenegihugu bose na cane cane abo mu ntara ya Gitega na mu micungararo yaho, gusidukana n’iyonka muri ivyo birori.

 

  1. Ku bagendana ubumuga aho baherereye hose, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!!

 

                                      Murakoze cane, Imana Ibazigame!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →