27 novembre 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU, N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA MU GUHIMBAZA UMUNSI MUKURU WAHARIWE UMWANA W’UMUNYAFRICA, 16 RUHESHI 2023

  1. Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 16 Ruheshi, Uburundi bwama bwirifatanya n’ibindi bihugu vyo muri Afrika mu guhirahimbaza umunsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrika.

 

  1. Ihimbazwa ry’umunsi mukuru ryashinzwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa (Union africaine) mukwibuka abana bagandaguriwe i Soweto mu gihugu ca Africa y’epfo mu mwaka w’1976.

 

  1. Abo bana akaba atakindi bazize atari uko bariko baharanira uburenganzira bwabo bwo kuja kw’ishure nka bene wabo b’abazungu, uburenganzira budafatiye ku macakubiri. Aho hari ku ntwaro karyanisha miryango yarangwa muri ico gihugu.

 

  1. Uno mwaka w’2023, uwo munsi uzohimbazwa kucivugo kivuga kiti: «Agateka k’abana mw’ikoreshwa ry’ubuhinga ngurukana bumenyi».

 

  1. Kukaba nkako, ubuhinga ngurukana bumenyi burafasha mw’iterambere ry’abantu hamwe n’iry’igihugu mu gihe bukoreshejwe neza.

 

  1. Burafasha kandi abana n’abavyeyi kumenya ibitari bike ku bijanye n’agateka k’abana biciye ku mbonesha kure, ku maradiyo, ku materefone, ku mashini nyabwonko n’ibindi.

 

  1. Ngaha iwacu, ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrika bizoba kw’igenekerezo rya 27 Ruheshi2023, mu gisagara ca Bujumbura, muri zone Buterere, ku kibuga ca Don Bosco aho bizorangwa n’: urunani ry’ibimenyeshamakuru, indirimbo zihayagiza agateka k’abana, intambo z’imirwi ndangakaranga, gukina ivyese hamwe n’utundi dukino tugizwe n’abana, n’ibindi… tutibagiye guha akaryo abana bo mu mirwi itandukanye ko kwitabira ivyo birori vyo guhimbaza umunsi wabahariwe harimwo n’abana bagendana Ubumuga n’abahoze mw’ibarabara.

 

  1. Tuboneyeho rero akaryo ko gutumirira abarundi bose kwibuka uwo munsi udasanzwe cane cane ababa mu gisagara ca Bujumbura mu gusidukana n’iyonka bakaza kwifatanya n’abana muri ivyo birori vyo guhimabaza uwo munsi mukuru.

 

  1. Turifurije umunsi mukuru mwiza abana bose bo mu Burundi n’abo muri Afrika.

IMANA IBAHEZAGIRE,

MURAKOZE!!

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →