27 novembre 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE ABAGENDANA UBUMUGA, UMWAKA W’2023

  1. Uko umwaka utashe, kw’igenekerezo rya 3 Kigarama Uburundi burifatanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga, kw’isi yose.
  2. Kw’isi yose, uwo musi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abagendana ubumuga watangujwe icese kw’igenekerezo rya 3 Kigarama 1992, muntumbero yo gushigikira Abagendana ubumuga ngo bagire uruhara mubijanye n’ubutunzi, imibano, imico n’akaranga ndetse na poritike,
  3. Nimuri iyo ntumbero rero ama Reta n’ibihugu, abikorera utwabo hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, bahamagariwe gutegura no guhimbaza uwo musi mukuru mpuzamakungu ku rwego rw’igihugu, mukurangura ibikorwa biboneka no mugushira imbere imigabo n’imigambi yubahiriza agateka k’abagendana ubumuga.
  4. Icivugo Mpuzamakungu c’uyu mwaka ari naco ngaha mu gihugu cacu twahisemwo, kivuga giti: « Turi kumwe twese, abagendana ubumuga badasigaye inyuma, dushire inguvu hamwe, kugirango dushikire ya mahangiro y’imigambi y’iterambere rirama kandi ridakumira».
  5. Reta y’Uburundi iramaze kurangura ibitari bike muntumbero yo guteza imbere abagendana ubumuga:
  6. 1) Aha twovuga nko gutera igikumu ku masezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abagendana ubumuga mu mwaka w’2014, tukaba tunezerejwe cane n’uko uyu musi ushitse  Igihugu cacu giherutse gushira igikumu  no kunyongera y’Amasezerano y’Afrika, Ajejwe Agateka k’Abagendana ubumuga, aha hakaba hari kw’igenekerezo rya 28 ndamukiza 2022.
  7. 2) Reta y’Uburundi kandi yarashinze Umugwi w’igihugu ujejwe gukurikiranira hafi agateka k’abagenda ubumuga butandukanye; tukabamenyeshako uyo mugwi umaze imyaka ine uri ku kivi. Sivyo gusa, Reta y’Uburundi kandi iramaze gushira mungiro ayo masezerano mugushiraho poritike y’igihugu iraba ivyorangurirwa abagendana ubumuga mu myaka itanu iri imbere, kuva mu mwaka w’2020 gushika mu mwaka w’2024.
  8. Ntitwokwirengagiza kandi n’ibindi bikorwa vyiza bikorerwa abagendana ubumuga, nko kubavura, kubagorora n’ukubaronsa ibikoresho vyo kwiyunguruza, bivanye n’ivyo bakeneye muri rusangi;

ukubigisha imyuga itandukanye no kubaronsa ibikoresho bijanye n’imyuga bize, gushigikira ibigo n’amashirahamwe vy’abagendana ubumuga mu kubaronsa uburyo bujanye no gushira mu ngiro imigambi yo kwiteza imbere, itanguzwa ry’inyigisho zidakumira abagendana ubumuga ku mashure amwe amwe, n’ibindi.

  1. Uno mwaka, ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 7 Kigarama k’umurwa mukuru wa Poritike i Gitega, mu kigo CNAR citaho abagendana ubumuga, aho kizoba gihimbaza imyaka mirongo itanu (50) irangiye gitanguye ibikorwa.
  2. Tukaba duhamagariye abenegihu bose, na cane cane abo mu ntara ya Gitega, gusidukana n’iyonka mu kuza gushigikira benewacu bagendana ubumuga.
  3. Ku bagendana ubumuga nabo, aho baherereye hose, turabipfurije umunsi mukuru mwiza!

Murakoze cane, Imana Ibazigame!!