24 septembre 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’IHIMBAZWA RY’UMUNSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE AMAHORO

1. Kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga uko umwaka utashe Uburundi burifadikanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro. Uwo munsi ukaba washinzwe mu mwaka w’ 1981 n’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
2. Umunsi mpuzamakungu wahariwe amahoro wamye uhimiriza abashamiranye guhagarika intamabara no kumvikana. Ariko kandi urahimiriza abantu bose gukenguza inyifato n’umubano wabo n’abandi kugira abantu babe ahatekanye hatagira imishamirano.
3. Nkuko imice imw’imwe y’isi irimwo indyane n’intamabara bifatiye kubutandukane bw’abantu canke ivyuyumviro bitandukanye, nivyiza ko natwe nk’ababibayemwo bitubera icigwa, kugira dutsimbataze amahoro biciye mu kubahiriza agateka kazina muntu, umwumvikano, gutorera umuti ibibazo bidaciye mu ngimba, ubutungane, kwihanganiranirana no gufashanya.
4. Uyu mwaka w’2024, duhimbaje umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe amahoro ku civugo mpuzamakungu kivuga kiti : «Dutezimbere inyigisho z’amahoro ».
Aha iwacu mu Burundi, icivugo twatoye kivuga kiti : « Dutsimbataze amahoro tuyashigikize ibikorwa vy’iterambere». Ico civugo gihamagarira umw’umwe wese gukora ibikorwa vy’iterambere kugira dushigikire aya mahoro turimwo maze dushikire iterambere rirama. Ivyo nivyo bizodufasha kurandurana n’imizi ivyodutandukanya bikaducanishamwo.
5. Nkuko Vyashikirijwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu c’Uburundi mw’Ijambo ry’iwe ry’Intangamarara ryo Gushikiriza Imbona kazoza y’Uburundi 2040-2060 : ati « Kugira dushike kugushira mungiro iyo mbona kazoza bisaba kandi kuba hariho icuka ciza cemeza yuko hariho amahoro hamwe na poritique ishinze imizi. ubwo rero Uburundi buzobandanya gukomeza utwigoro tujanye no gushiraho inzira z’umutekano kuri bose, bishingiye kumasezerano y’akarere afasha mu bijanye no gitsimbataza umutekano hamwe no kwivuna umwasi ».
6. Mu Burundi duhimbaje uyu musi mpuzamakungu mugihe amahoro n’umutekano bisasagaye mu mpande zose z’igihugu kandi abenegihugu baka bari kumirimo bakamisha amahoro ibikorwa vy’iterambere.
7. Twobibutsa ko Reta y’Uburundi yakoze ibitari bike mu gutsimbataza amahoro. Aha twovuga nko gushiraho ibisata bitandukanye biharanira agateka kazina muntu nk’ugwego rw’abahuza k’umitumba hamwe n’ibisata ntunganya amatongo mu ma komine, gutunganya inyigisho kuvyerekeye amahoro no kunywanisha abarundi, gushiraho indongozi zihurikiyemwo bose hamwe no gushiraho umunsi mukuru wahariwe gufashanya mu kibano. Ntitwokwibagira kumenyesha kandi ko igihugu c’Uburundi carungitse abajejwe Umutekano hamwe no kwivuna abansi mu bikorwa vyo kugarukana no gutsimbataza amahoro mu bihugu birimwo intambara nka somariya n’ibindi.
8. Twobamenyesha ko ibirori vyoguhimbaza uwo musi mpuzamakungu wahariwe amahoro bizohurirana n’umusi wo guheraheza urugendo rw’urumuri rw’amahoro kw’itariki n’ikibanza tuzobamenyesha hanyuma.
9. Nihahangame amahoro mu Burundi no kw’isi yose! Niharambe umwumvikano, kwihanganiranirana n’ubutungane.
Imana ibahezagire !
Murakoze.