Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa Kabiri igenekerezo rya 8 Myandagaro 2023 muri komine Ruhororo intara ya Ngozi, aho yari aramutse agendera abenegihugu b’abatwa badugije ibigega, aho yahaye amabati imiryango 22, yongera aronsa ibifungurwa vy’umuceri ungana n’itoni 3 imiryango 600 y’abafise amikoro make.
Mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje abari aho ko intumbero ya Reta y’Uburundi ari iyo kurandurana n’imizi inzu zose za nyakatsi, aca abahamagarira kuja hamwe mugufashanya gufyatura amatafari, baduze ibigega, abajejwe intwaro nabo babaronse ibiti vyokumanika, maze Ubushikiranganji bujejwe gushigikirana nabwo buheze bubaronse ibisakazo.
Abana hamwe n’abageze muzabukuru, yasavye ko bobafasha mukubafyaturira amatafari kugirango nabo ntibazosigare inyuma muri uwo mugambi wo kurwanya inzu za nyakatsi no kugira uburaro bwiza ku benegihugu bose.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yaboneyeho guhimiriza abo bene gihugu kuja kukivi mu rugamba rwo kurwanya ubukene ariwe mwansi, maze ngo batangurire guhamagarira abana bari muburuhuko gufasha mubikorwa kandi ngo imiryango yose ishire abana mumashure, soko ry’iterambere.
Yabamenyesheje ko abazaniye umuceri kugirango ubabere nk’agahembo bashika bafungura bavuye gukora, kandi ngo umwe wese abone mugenzi we nk’umutahe Imana yamuhaye kuko ngo uwufise abantu agira n’ibintu.
Kuberako benshi mumiryango y’abatwa atamatongo bafise, yavuze ko Reta ifise umugambi wo kubaronsa amatongo, aca abasaba kutazohirahira ngo bayagurishe kuko ngo uwobikora yobihanirwa vy’akarorero co kimwe n’uwuzoba yarimuguriye.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarangije asaba abari aho gukura amaboko mumpuzu, bijukire umugambi wo kworora inkwavu, kuko ngo ari umugambi woroshe kurangura kandi ukunguka n’ingoga.
Yabasavye ko umwe wese yogira ico akoze mumuryango, gutyo ngo gushika mumwaka 2040 uburundi buzobe ari igihugu cifashe, nayo mumwaka 2060 kibe ari igihugu giteye imbere.
Mwomenya ko ico gikorwa yakiranguye avuye kumurwa mukuru w’intara ya Ngozi aho yateye intege abana 8 b’abanyeshure biga kuri kaminuza y’i Ngozi, mukubashigikira akabaronsa ibifungurwa vy’umuceri, amavuta hamwe n’akabahasha kabasahiriza muvyankenerwa vya buri munsi.