21 novembre 2024

IKIGANIRO AGATEKA KA ZINA MUNTU CO KU WA 18.10.2024

UMUTWE W’IKIGANIRO : UBURENGANZIRA BW’ IGIHUGU  BWO KWITUNGANIRIZA IMIGAMBI

  1. INTANGAMARARA

Mu kiganiro c’agateka ka zina muntu co kuri uno musi, tuja kurabira hamwe uburenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi.

Tuja gushimikira gusa ku migambi yerekeye ivy’intwaro, ubutunzi n’imibano.

Ariko ntituza kuvuga imigambi yose ibihugu vyitunganiriza muri ivyo bisata, tuja kuvuga bikebike kuko ntitwodondagura vyose ngo tubimare.

  1. IDO N’IDO RY’IKIGANIRO

Iyo Igihgu cikukiye, kigatwarwa na bene co ata kavamahanga abategeka ico bakora canke ngo abacure bufuni na buhoro kubera inyungu ziwe, kikaba kandi caratsimbataje intwaro rusangi aho abenegihugu aribo bitorera indongozi, ico gihugu kiba cishira kikizana kandi kiba gifise uburenganzira bwo kwitunganiriza imigambi igiteza imbere kitarinze kuzera inze. Indongozi zija imbere y’abenegihugu, zigatora imigambi, iteza imbere igihugu n’abenegihugu.

Tuvuze ko mw’itunganywa ry’imigambi ata kavamahanga aba arimwo, ntituba tuvuze ko iyo migambi itunganywa n’abarundi gusa. Oya namba, mu gihe bigaragaye ko hokenerwa umuhinga, araza ariko ni abahinga bo mu gihugu bamuha intumbero y’ivyo akora,kuko n’abahinga b’Uburundi baragenda mu mahanga gusabikanya ubuhinga bwabo n’abandi, igihe ayo mahanga aba akeneye ubuhinga bw’abarundi.

Igitsimbataza rero ubwo burenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi, ni iyo ntwaro rusangi, aho indongozi zishiriweho n’abenegihugu zikora zunganiranira, zikitanga mu ntumbero yo guteza imbere igihugu n’abenegihugu babizeye.

Mu bisata bitandukanye rero, harashingwa imigambi, hanyuma hagashirwaho indongozi zishinzwe guhagararira ishirwa mu ngingo ry’iyo migambi.

Muri kino kiganiro c’agateka ka zina muntu co kuri uno musi, turarabira hamwe ingene ubu burenganzira butegekanijwe haba ku rwego mpuzamakungu ndetse no ku rwego rw’ibihugu.

I.1. Ingene ku rwego mpuzamakungu ubu burenganzira butegekanijwe                   

Uburenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi, burategekanijwe ku rwego mpuzamakungu n’amategeko atandukanye: urwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU no 41/128 rwo ku wa 4 kigarama 1986, itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu, mu masezerano mpuzamakungu yerekeye uburenganzira bw’abantu mu vy’amatungo, imibano n’imico kama hamwe no mu migambi yerekana ishusho y’isi yo mu 2030.

  1. Mu vyerekeye intwaro

Urwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU no 41/128 rwo ku wa 4 kigarama 1986, ruvuga ko kwitunganiriza imigambi ishikana igihugu kw’iterambere rirama, bitegerezwa kwishimikiza ubwigenge bw’igihugu hamwe n’amatunga kama yaco. Rubandanya ruvuga ko inyuma yo kwitorera imigambi, ibihugu bitegerezwa kuguma vyarikanuye kugira bigwanye ivyo vyose vyoza bibera intambamyi ishirwa mu ngiro ryayo.

Iterambere rero ry’igihugu ntiryizana. Ni inkurikizi y’ibikorwa bitandukanye birangurwa mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi igihugu kiba citunganirije.

Gushinga imizi kw’intwaro rusangi, gutuma haba ukwizerana hagati y’indongozi n’abenegihugu kuko nibo baba barabishiriyeho biciye mu matora, kugira babaje imbere mw’itorwa no mwishirwa mu ngiro ry’imigambi.

Ingingo ya 21 y’itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu iravyerekana mu gace ka 3 kavuga ko, ishaka ry’abanyagihugu ari ryo ritegerezwa kuba ishingiro ry’ububasha bw’abarongora igihugu, iryo shaka ritegerezwa kugaragara mw’itora nyakuri ritegerezwa kwama riringanizwa uko ikiringo cashinzwe kigeze ata wukumiriwe, biherereye canke bakurikije ubundi buryo butuma batora uko bavyipfuza.

N’aho biri uko, biragaragara ko bivugwa mu ntumbero yo kwerekana ko indongozi zishingwa amabanga, zitegerezwa kuba zifise ubumenyi n’ubushobozi, bwo guterera agacumu k’ubumwe mw’itunganywa ry’imigambi y’Igihugu yotuma abenegihugu n’igihugu batera imbere, bivuye ku migambi bitunganirije ubwabo, batarinze kuzera inze.

Igihugu n’abenegihugu baco nibo bishingira intwaro bakongera bakishingira mu mwidegemvyo imigambi yo kwiteza imbere mu vy’amatungo, mu mibano no mu mico kama.

Tubisanga mu ngingo ya 1 y’amasezerano mpuzamakungu yerekeye uburenganzira bw’abantu mu vy’amatungo, imibano n’imico kama, ivuga mu gace kayo ka mbere ko, abantu b’ibihugu vyose bafise uburenganzira bwo kwishira bakizana. Kubera ubwo burenganzira, ni bo bishingira intwaro bakongera bakishingira mu mw’idegemvyo imigambi yo kwiteza imbere mu vy’amatungo, mu mibano no mu mico kama. Iyi ngingo ibandanya ivuga ko kugira bashikire ico bishinze, abantu b’ibihugu vyose barashobora kwitunganiriza imigambi bishimikije amatungo ndangagihugu (isi ndimwa,ibitungwa, ibidukikije n’ibindi).

  1. Mu vyerekeye ubutunzi

Mw’ikoraniro mpuzamakungu muvy’ubutunzi ryabereye mu gihugu ca reta zunze ubumwe bwa amerika muri mukakaro 1944, hashizweho ikigega mpuzamakungu (FMI) hamwe n’ibanki mpuzamakungu (banque mondiale) bijejwe gushigikira imigambi y’iterambere y’ibihugu bitandukanye.

  1. Mu vyerekeye imibano

Mu bijanye n’indero, igihugu gitegerezwa kwitunganiriza imigambi y’ingene gitanga inyigisho z’imyuga n’ubuhinga kuko ni imbarutso y’iterambere rirama, kandi nta terambere rishoboka ridashigikiwe n’ibikorwa. Igihugu ni co kibona ubwoko bw’inyigisho gikeneye gusumba izindi zoshikana kw’iterambere.

Agace ka 2 k’ingingo ya 6 kavuga ko ingingo zifatwa n’igihugu kimwe kimwe mu vyegwa n’aya masezerano mu kwubahiriza uburenganzira bwo gukora ibikorwa vyo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu, zitegerezwa kudasiga inyuma ukwigisha ubuhinga n’imyuga ugutunganya imigambi ya politike n’ubuhinga bikenewe kugira habe iterambere rirama mu vy’ubutunzi, kandi harangurwe ibikorwa bitandukanye bigwiza umwimbu, ivyo  na vyo bikama bishoboka mu gihe abenegihugu bubahirijwe mu mwidegemvyo wabo, mu vya politike n’ubutunzi bw’igihugu.

Aya mategeko mpuzamakungu atandukanye duhejeje kurabira hamwe, arerekana ko ku rwego mpuzamakungu uburenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi bwubahirijwe kandi butegerezwa gushigikirwa. No ku rwego rw’ibihugu kimwe kimwe cose bivanye n’ingene citunganije, ubwo burenganzira burubahirijwe. Reka turabe ingene ngaha iwacu mu Burundi vyifashe.

Ururirimbo: ejo heza …

      I.2. Ingene amategeko y’Uburundi atandukanye ategekanya

             uburenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi  

Mu mategeko y’igihugu c’Uburundi, tuza kwisunga ibiri mw’Ibwirizwa Shingiro, ibiri mu mbono kazoza 2040 y’Igihugu cifashe na 2060 y’Igihugu giteye imbere, mu gitabu cerekana integuro y’imigambi y’iterambere ku rwego rw’igihugu izoshirwa imbere mu kiringo c’imyaka 10, kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027 (Plan National de Development 2018-2027), ibwirizwa no 1/11 ryo ku wa 20 rusama 2019 ryerekeye ingene amatora agenda, ibwirizwa no 1/12 ryo ku wa 12 rusama 2020 ryerekeye gukingira abenegihugu hamwe no mw’ibwirizwa no 1/27 ryo ku wa 29 kigarama 2017 ryekeye igitabu c’amategeko mpanavyaha.

  1. Mu vyerekeye intwaro

Kugira igihugu kibashe kwitunganiriza imigambi, ni uko kiba cidegemvya, ata kavamahanga agitegeka ico gikora, arico ubwaco gifata ingingo zerekeye iterambere bivanye n’ico gikeneye.

Mu migambi rero y’iterambere, hama hariho abari imbere. Abo nabo si abandi, ni indongozi z’Igihugu, zitorwa kuva ku rwego rw’Umukuru w’Igihugu gushika ku rwego rw’abakuru b’imitumba.

Mu gihugu kirangwamwo intwaro rusangi, izo ndongozi ziboneka biciye mu matora, igihugu kiba citunganirije, aho ata mwenegihugu n’umwe akwije ibisabwa aba akumiriwe.

Ni co gituma ingingo y’7 y’Ibwirizwa Shingiro ivuga ko abenegihugu ari bo soko ry’uburongozi mu gihugu, ni bo bitorera ababaserukira ngo barangure imigambi y’iterambere.

Mu Burundi turafise indongozi abenegihugu bitoreye kandi zibitayeho, mu kuba imboneza mw’itunganywa ry’imigambi, yaba iyo ku kiringo gito canke iyo ku kiringo kirekire, ishikana igihugu kw’iterambere rirama.

Rabe namwe, Uburundi bubicishije ku ndongozi, bwaratunganije igitabu cerekana integuro y’imigambi y’iterambere ku rwego rw’igihugu iriko irashirwa mu ngiro mu kiringo c’imyaka 10, mu gisata kimwe kimwe c’ubuzima bw’igihugu, kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027 (Plan National de Development 2018-2027).  Ico gitabu carahinyanyuwe hisunzwe igitabu c’imbonokazoza y’Igihugu cifashe 2040 n’Igihugu giteye imbere 2060.

Nk’uko tubisanga mu ntangamarara y’ico gitabu, Uburundi busanzwe bwaramaze gutera intambwe mu kwitunganiriza imigambi haba mu vy’intwaro, mu vy’ubutunzi ndetse no mu vy’imibano. Izi rero ni inkurikizi nziza zo kuba turi mu ntwaro rusangi, aho abenegihugu bafise icizere ku ndongozi, ata kindi kiziraje ishinga atari iterambere ry’Igihugu n’abenegihugu biciye ku migambi igihugu citunganirije ubwaco ata kavamahanga arinze gushiramwo ukuboko.

Hejuru y’iyo nteguro y’imigambi y’imyaka 10, Igihugu cacu giheruka gushira ahabona ishusho coba gifise mu mwaka wa 2040 ry’igihugu cifashe hamwe n’iryo coba gifise mu mwaka wa 2060 ry’igihugu giteye imbere.

Imbonokazoza rero ishingiye ku nkingi ari zo zizi: ishaka no kwitanga vy’indongozi z’igihugu, kugira igihugu cigenga mu vy’ubutunzi, iterambere ridakumira muvy’imibano, kubungabunga ibidukikije, inyubako ziteye imbere, hamwe no gutsimbataza imigenderanire.

Izi nkingi zirafise imwe imwe yose amahangiro bijanye bivanye n’uko ihangiro ryerekeye igisata c’intwaro, ubutunzi, canke imibano.

Twibukanyeko iki kiganiro tukibashikirije mu gihe haciye imisi 5 gusa twibutse ku ncuro igira 63 igandagurwa ry’Umuganwa Rudoviko Rwagasore,uwitanze agatuma turonka intahe yo kwikukira tukitunganiriza imigambi , n’uwatanguye kuduhimiriza ngo dukorere mu ma koperative.

Vyongeye, hasigaye imisi 3 gusa ngo twibuke ku ncuro ya 31 igandagurwa ry’incungu ya demokarasi, nayo nk’uko twabivuze hejuru, niyo nshimikiro nyamukuru y’uburenganzira bwo kwitunganiriza imigambi.

Ururirimbo: bazokwibukwa ko ari intwari… (agace ka kabiri)

  1. UGUSOZERA

Ncuti, bagenzi namwe mwese twari kumwe muri kino kiganiro c’agateka ka zina muntu, twariko turabira hamwe uburenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi.

Twabonye ko ubwo burenganzira butegekanijwe n’amategeko mpuzamakungu hamwe n’amategeko y’igihugu bivanye n’ingene kiba citunganije.

Mu mategeko mpuzamakungu, twabonye ingene itangazo mpuzamakungu ry’agateka ka zina muntu, amasezerano mpuzamakungu yerekeye uburenganzira bw’abantu mu vy’amatungo imibano n’imico kama, no mu migambi yerekana ishusho isi izoba ifise mu mwaka wa 2030 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bitegekanya uburenganzira bw’igihugu bwo kwitunganiriza imigambi.

Mu mategeko y’igihugu, twabonye ingene Ibwirizwa Shingiro,  igitabu cerekana integuro y’imigambi y’iterambere ku rwego rw’igihugu iriko irashirwa mu ngiro  mu kiringo c’imyaka 10, kuva mu mwaka wa 2018 gushika mu mwaka wa 2027 hamwe n’ishusho y’igihugu cifashe muri 2040 n’igihugu giteye imbere muri 2060 bitegekanya ubwo burenganzira.

Tubibutse ko kino kiganiro mugitegurirwa n’ikigo kijejwe guteza imbere agateka ka zinamuntu no gukinga ihonyabwoko, cegukira Ubushikiranganji bwo gushigikirana, imibano, agateka ka zina muntu n’iterambere ridakumira.

Kubipfuza kwitura ico kigo, bagisanga aho gikorera mu gisagara ca Bujumbura, kw’ibarabara ryitiriwe JRR, mu nyubakwa le savonnier, canke bagahamagara kuri 22 232910 bakatwunganira canke bagashikiriza ivyiyumviro vyabo, canke abipfuza kurangirwa ubufasha mu gihe agateka k’abo kahungabanijwe. Hagati mu gihugu, murashobora gushikiriza ivyiyumviro vyanyu abaserukira ubushikiranganji mu ntara, mu ma komine eka mbere n’imboneza zo ku mitumba, abo nabo baca babicisha ku wuserukira ubushikiranganji muri komine, hanyuma uwo mu ntara, bagaheza bakabidushikiriza.

MURAKOZE