Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyakwubahwa Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa gatanu, igenekerezo rya 26 Mukakaro 2024 mu ntara ya Gitega, mu nama idasanzwe yo gutegura umusi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano, aho hegeranywa imfashanyo zigenewe abafise amikoro make. ku mitumba yose igize igihugu.
Iyo nama ikaba yakoranije ba Buramatari b’intara zigize igihugu c’Uburundi, ba Musitanteri b’amakomine yose, abayobozi mu ntara bajejwe iterambere ry’ingo n’imibano, hamwe n’abandi bakozi batandukanye bakukira ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushikirana n’ubw’Intwaro yo hagati, Umutekano n’iteramabere rusangi.
Umushikiranganji ajejwe gushigikirana yamenyesheje ko iyo nama yateguwe mu ntumbero yo kunagura umuco mwiza wo gushigikirana mukibano, aho yerekanyeko uwo muco watitutse ufatiye kuvyegeranyo vyo mu myaka iheze.
Yarongeye aramenyesha ko intumbero ya Reta Mvyeyi, Reta Nkozi ari ukwo atawosigara inyuma mw’iterambere, aca ahamagarira abantu bose kuvyura wa mutima wo gushigikirana wamye uranga abarundi bo hambere, ivyo akaba ari navyo bizodushikana kuri ya mbona kazoza y’igihugu cacu, aho uburundi azoba ari “igihugu cifashe mu 2040, kikaba igihugu giteye imbere mu 2060”.
Yamenyesheje kandi ko abenegihugu batavyitabira ku rugero rushimishimije, uhereye kubavukantara, abavukakomine gushika no kumitumba ndetse no ma makaritiye, aha akaba yaciye asaba abajejwe kwegeranya iyo mfashanyo kugira ingumvu mu gutunganya ico gikorwa neza kugira bahimirize abenegihugu gutyo hazoboneke akarusho ku musaruro w’uyu mwaka.
Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana akaba yaratanze uturorero afatiye nku ntara zirima ibigazi, umuceri, ibiraya ariko ugasanga nta n’ibidumu 2 baronse vy’amavuta canke ngo baronke n’itoni 2 z’u muceri canke z’biraya, ugasanga no mu ntara zivukamwo indongozi zitandukanye ; abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji , intwazangabo zo mu rwego rwo hejuru, abadandaza bakaruhariwe, abikorera ivyabo mubisata bitandukanye, abakozi ba reta bafise imishara ibombotse ugasanga muntara hatanzwe udufaranga dukeya.
Mugusozera ijambo ryiwe, yasavye ko abajejwe intwaro na canecane, ba Musitanteri bofata muminwe ikibazo c’abafise amikoro make bari mu makomine iwabo, barabe koko ababikwiye abe aribo bafashwa.
Yarasavye kandi ashimitse ko imfashanyo zitozwa zokoreshwa neza, abajejwe intwaro bafashanye n’abaserukira Ubushikiranganji arongoye, ati « murabe abashobora gufashwa ku rwego rwa komine bafashwe ntihagire bantahonikora tubona baza kwugariza Ubushikiranginji basaba utwo bafungura kandi boshobora gufashwa mu kibano, aho yamenyesheje ko ku rwego rw’umushikiranganji hoshikanwa ikibazo cananiranye ku rwego rw’intara na komine ».
Abitavye iyo nama barashimye ivyiyumviro birashe vyashikirijwe kuko bizotuma bahinyanyura neza integuro y’umunsi mukuru wahariwe gushigikirana mu kibano gutyo hazoboneke umusaruro k’urugero rushimishije mu gihugu cose.
Mwomenya ko uwo munsi uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 2 Myandagaro 2024, buca hahimbazwa Umunsi Mukuru wahariwe amakomine uzoba kw’igenekerezo rya 3 Myandagaro umwaka w’2024.