Ivyo ni ivyashikirijwe na nyakubahwa Umwunganizi w’Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka Ka Zina Muntu, n’Iterambere Ridakumira ku musi wa kabiri igenekerezo rya 30 mukakaro 2024, mu nama yatunganijwe n’ubwo bushikiranganji ku bakenyezi baserukira abandi mu mashirahamwe bo mu ntara ya Rumonge, bufadikanije n’ibanki ijejwe iterambere ry’abakenyezi.Yamesheje ko Reta y’Uburundi imaze gukora ibitari bike ngo umukenyezi ashobore gutera imbere, ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu camwibarutse.
Aha akaba yaravuze nk’ishirwaho ry’imigambi y’igihugu yo kwegereza ubuvuzi abenegihugu, kuvurwa no kwibaruka ku buntu ku bakenyezi bibungeze, tutibagiye no kuvuza abana batararenza imvyaka 5 ku buntu, ivyo vyose bigakorwa mu ntumbero yo kwitaho amagara meza ku bakenyezi n’ibibondo.
Yarongeye aravuga ishirwaho ry’imigambi itari mike ifasha umukenyezi gutera imbere nko kuronsa ifumbire abenegihugu ku giciro kitavuna, imbuto zirobanuye, kwigisha ubuhinga bugezweho bwo kurima no kworora kijambere.Umwunganizi w’Umumushikiranganji yamenyesheje ko abakenyezi benshi bagira ingorane zitari nke kubera bafise amikoro make bigatuma batarangura imigambi yo kwiteza imbere nkuko bavyipfuzaMu kugerageza guhangana n’ico kibazo, barasabwa gustegura imigambi irashe ijanye n’intumbero ibanki ijejwe itembere ry’abakenyezi yiyemeje kugira bashobore gusaba ingurane barangure ibikorwa vyo kwiteza imbere muri iyo banki.
Abaserukiye ibanki ijejwe iterambere ry’abakenyezi barasiguriye abitavye iyo nama ukwo iyo banki ikora n’akarusho ibazaniye, cane cane ku bakenyezi bari mu mashirahamwe, aho berekeanye ko usaga ingurane babaha iharurwa ku nyugu ntoya itavuna ugereranije n’ayandi banki canke amashirahamwe atanga ingurane nka CECM, COOPEC n’izindi.
Abakenyezi bitavye iyo nama barashimiye cane Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana kukuntu bwama bubaba hafi kugira bashobore kwiteza imbere ndetse n’imiryango yabo.