Mugihe bariko barabazimana, Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 19 Rusama 2022 i Bujumbura, Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bujejwe Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yarashikirije akaganuke abashitsi bose bari baje baserukira ibihugu vyabo uko ari 12 bigize ishirahamwe CIRGL mu nama ya bose y’ihuriro ry’abakenyezi bo muri aka karere k’ibiyaga binini.
Felix NGENDABANYIKA, Umunyamabanga Ntayegayezwa muri ubwo Bushikiranganji ari nawe yaserukiye Reta muri ico gikorwa akaba yabasavye gusubira iwabo bahayagiza ivyiza babonye ngaha mu gihugu ciza c’Uburundi, igihugu c’amata n’ubuki.
Abo baje baserukiye ivyo bihugu bakaba barakengurutse cane ingene bakiriwe hamwe n’ako kaganuke.