27 novembre 2024

Abarwayi bashika 187 bo mu Bitaro Prince Régent Charles bararonkejwe umwe umwe ibahasha irimwo amafranga ibihumbi ijana yo kubashigikira

Mu ntumbero yo gushigikira abari mu ngorane zitandukanye, Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana, Nyakubahwa Imelde Sabushimike, yarishikiye kuri uyu wa gatatu igen. rya 19/6/2024, mu bitaro Prince Régent Charles, gusuhuza abarwayi, arikumwe n’abarundi baba mu gihugu ca Osrariya (Ausralie) bari mu karuhuko hano mu gihugu c’abibarutse.
Abarwayi bashika 187 bakaba bararonkejwe umwe umwe ibahasha irimwo amafranga ibihumbi ijana yo kubashigikira, yatanzwe n’abo bashitsi.
Nyakubahwa Imelde Sabushimike akaba yarabaremesheje abipfuriza gukira mbere batahe mu mihana yabo gutyo bashobore kubandanya ibikorwa vyabo vya misi yose.
Akaba yaboneyeho kuganira n’abasanzwe bafashwa n’Ubushikiranganji arongoye mu kuvuzwa, aho abo barwayi bamenyesheje Umushikiranganji ko bashima ubufasha baronswa.
Uwaserukiye abo barundi baba muri Ausralie, umupfasoni Josephine Mbonabuca, yavuze ko baje kw’izina ry’ishirahamwe « Dufashanyanye » bahurikiyemwo, akaba yamenyesheje ko baryohewe kuba bari mu gihugu c’abibarutse kandi naho bari hanze y’igihugu bagumana umutima wo gushigikira benewabo b’ababarundi bari mu ngorane zitandukanye ari naco gituma biyumviriye kuza kubasuhuza.
Yamenyesheje ko bose hamwe baje ari 27 ariko ko muribo harimwo abasanwze bavuka mugihugu ca Osrariya baje gutembera kugira bibonere ubwiza bw’igihugu c’Uburundi, na bione akaba yarabashimiye.
Yarongeye arashikiriza ko agafashanyo bitwaje katanzwe n’abarundi bahurikiye lw’Ishirahamwe « Dufashanye » hamwe n’Ishengero rya Angrikane ryaho basanwe baba muri osrariya ryitwa « Saint Mark’s Quesnsland-Brisbane ».
Abarongoye ibitaro Prince Régent Charles ndetse n’abarwayi barshimiye cane Nyakubahwa Umushikiranganji yabazaniye abashitsi.
 Barashimye kandi n’agafashanyo baronkejwe.
Urwo rugendo Umushikiranganji akaba yarurangirije ku gisabisho aho yasabiye abarwayi ku Mana ngo ibakize kuko ariyo mana ishobora vyose.