27 novembre 2024

ITANGAZO RISHIKIRIJWE N’UMUSHIKIRANGANJI W’AGATEKA KA ZINA MUNTU, IMIBANO N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA KU MUSI MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMWIGEME.

Barundi, barundikazi,

Kuva mu mwaka w’2012, Kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu amakungu arahimbaza Umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme.Ni akaryo ko gusubiza amaso inyuma tukaraba ivyokorwa kugira ngo inzitizi zose zihanze umwigeme zitorerwe umuti, yongere ashigikirwe gutyo ashobore kugira agateka ko gushikira kazoza keza.

Martino NIVYABANDI, Nyakubahwa Umushikiranganji w’Agateka ka Zina Muntu, Imibano n’Iterambere Ridakumira ariko asoma Itangazo ryo guhimbaza umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe Umwigeme (Isanamu na Elie HARINDAVYI)

Muri ibi bihe, abigeme barategerezwa kwitegurira bimwe bishimishije kwinjira mu buzima bw’akazi co kimwe nabasaza babo. Ivyo birasabwa ko baronswa indero ihagije ; inyigisho mu mashure zikomeye ariko zigasahirizwa n’inyigisho zifatiye ku mibereho, inyifato, urupfasoni n’ibindi.

Dufatiye ku civugo c’uyu mwaka kivuga kiti, « « TWAME DUSHIGIKIRA UMWIGEME W’UMURUNDIKAZI MU KUMURONSA INDERO IBEREYE IMURINDA GUTWARA INDA», twibutswa twese ko indero ibereye y’umwana w’umwigeme ariwo mushinge w’iterambere ry’iwe n’igihugu. Dusabwa kumurinda rero ico cose coza kimubera intambamyi, kikamubuza gushikira kazoza kiwe keza. Muri izo ntambamyi uwu mwaka twashimikiye ku kugwanya akaranda ko gutwara inda cane cane mu mashure.

Duhamagariwe twese atawusigaye inyuma, umwe wese aho aherereye kwitaho umwigeme, kumufasha, kumurinda ico cose cotuma atwara inda akiri mu mashure canke ataraja kwubaka, kuko bisubiza inyuma iteka ryiwe, bikanamubuza gushika kw’ihangiro nyamukuru.

Umusi mukuru ushitse hari vyinshi bimaze gukorwa, n’ibindi bikibandanya ngo indero y’umwigeme itere imbere. Aha twogaruka ku mategeko yashizweho, ingingo zafashwe ziha intege n’inguvu umwigeme kwijukira kwiga no guheza amashure. Ku bigeme batiga, leta irabandanya yitaho kuigisha imyuga inyuranye, kubakarihiriza ubwenge ngo bashobore kwitunganiriza ivyo bakora gutyo boye kwama bazera inze arivyo kenshi bibakwegera mu ngeso zitabereye.

Iyi ndwi yose twayihariye uwigeme. Ibikorwa bitari bike bizorangurwa mu ntumbero yo kumushigikira. Hazoba ugutanguza icese isekeza ryitiriwe « ukudatwara inda mu mashure », hazoba uguhimirizwa mu mashure twisunza icivugo c’uyu mwaka, gutanga vya nkenerwa bimwe bimwe ku bigeme, kugendera, mu ntumbero yo gutera integer, amashirahamwe y ‘abigeme bariko bakora ibikorwa vyo kwiteza imbere, n’ibindi.

Ibirori vyo guhimbaza Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 11 Gitugutu ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge kw’ishure ry’Isumbuye ryo kw’Iteba. Tukaba dutumiriye abenegihugu bo mu gisagara  ca Rumonge bose n’abo mu micungararo y’aco  gusidukana n’iyonka mukuza gushigikira umwigeme muri urwo rubanza.

Turipfurije umusi mukuru mwiza abigeme bose.

Nihahangame iterembere ry’umwigeme mu Gihugu cacu!Murakoze, Imana ibahezagire.

 

Par Elie HARINDAVYI

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →