Barundi, Barundikazi,
- Kw’igenekerezo rya 09 Myandagaro uko umwaka utashe, Uburundi burifatanya n’amakungu muguhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka. Uwo munsi ukaba wemejwe n’inama mpuzamakungu ya ONU kw’igenekerezo rya 23 kigarama 1994 mu ngigo yayo A/RES/49/2014.
- Kuva ico gihe, Abasangwabutaka bo kw’isi yose bararonse akaryo keza ko guhurira hamwe ku rwego rw’ibihugu, k’uburere butandukanye ndetse no kumigabane yose y’isi kugirango bayage bisanzuye narirya bamaze igihe kinini bacinyizwa ndetse bakumirwa.
- Uno mwaka, uwo munsi uzohimbazwa ku civugo mpuzamakungu kivuga giti: « Duharanire uburenganzira bw’Abasangwabutaka basanzwe babayeho bikumiriye Kubushake bw”abo canke bagumye ku karanga ».Dufatiye kuri iki civugo twebwe mu Burundi dushira imbere yuko ahubwo boreka kw’ikumira,ahubwo bakabana n’abandi.
- Ku rwego rw’igihugu, uwo munsi uzohimbazwa kucivugo kivuga giti :« Duharanire uburenganzira bw’Abatwa mu Burundi bushimikiye kuba kumwe n’abandi mu mibano hamwe no mu butunzi».
- Reta y’Uburundi ikaba imaze kurangura ibitari bike muntumbero yo gushigikira hamwe no guteza imbere abafise amikoro make, harimwo n’abatwa. Aha twovuga nkokubavuza kubuntu, kubaronsa ibisakazo ngo bagire uburaro bwiza; kurihira amashure abana b’abatwa bagiye mumashure afise uburaro, ndetse bakaronswa n’ibindi vyankerwa.
Ivyo bikerakana ko Reta y’Uburundi itirengagiza umuntu n’umwe mw’itegurwa ry’imigambi, mu ntumbero yuko atawosigara inyuma mw’iterambere.
- Ivyo navyo tubisanga mu gitabo kirimwo umugambi ndongora migambi y’Uburundi 2018-2027 hamwe no mu mugambi w’igihugu wo gukingira n’ugutegekaniriza kazoza abenegihugu, muntumbero yo gushikira yambonakazoza y’igihugu cacu aho uburundi buzoba ari igihugu cifashe mu mwaka w’2040 , kikaba giteye imbere mumwaka w’2060.
- Turashima ko uwu munsi mukuru uhimbajwe mugihe twaheruka guhimbaza umunsi mukuru w’igihugu wahariwe gushigikirana mu kibano kw’igenekerezo rya 02/08/2024, hamwe n’umunsi mukuru wahariwe ama komine kw’igenekerezo rya 03/08/2024 mu burundi. Kakaba kabaye akanya keza k’umwenegihugu wese, abatwa badasigaye inyuma, ko gukomeza umuco wo gufashanya no gufatana munda mugutezanya imbere mukibano.
- Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka, bizobera mu ntara ya Bururi, komine Matana, kw’Igenekerezo rya 09 Myandagaro 2024.
Turateye akamo abarundi bose na cane cane Abatwa bo muntara ya Bururi, komine Matana, no mu micungararo yaho ko bosidukana n’iyonka mu kuza guhimabaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe Abasangwabutaka.