Ivyo ni ivyashikirijwe na Nyenicubahiro Anjeline ndayishimiye, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, aho yari aramutse agendera, ku munsi wa gatandatu, igenekerezo rya 13 mukakaro 2024, ikigo Humura c’Igitega gifasha abakorewe amabi afatiye ku gitsina.
Akaba yamenyesheje ko yagize urugendo ngaho muri ico kigo mu ntumbero yo gutera intege abakorera muri ico kigo hamwe no kuremesha abashikiwe n’ayo mabi, baba abagifashwa n’ico kigo canke abahaciye.
Yarongeye arashikiriza ko urwo rugendo rwatunganijwe kugira yirabire ibibazo biri muri ico kigo bafadikanije n’abari mu gisata mpuzamakungu FNUAP kijewe igwirirana ry’abantu, kugira barabire hamwe ivyo bashobora gukorera hamwe babicishije ku Kigo « Fondation Bonne Action Umugiraneza » asanzwe arongoye canke biciye mu rwego rw’Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu rujejwe iterambere, kuko ntihovurwa iterambere mu gihe hakiriho abantu bagihohoterwa bifatiye ku gitsina.
Aha akaba yaramenyesheje ko ayo mabi afise inkurikizi mbi ku magara y’umuntu, uwo nawe nta terambere ashobora kwiyumvira.
Yaboneyeho kandi kuremesheje abashikiwe n’amabi afatiye ku gistina abasaba kutihebura babone ko bafise ababitayeho. Yaciye ahamagarira aboba bagifise ako gatima ko gukora iryo hohoterwa rifatiye ku gistina ko bovavanura nako gatima k’ubukoko.
Nayo kubajejwe ubutungane, yabasavye guhana bimwe biboneka abagirizwa gukora ayo mabi bisunze amategeko kugira ayo mabi aranduranwe n’imizi, gutyo twese twubake igihugu dufise umutima utekanye.
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’uburundi akaba yarashimiye cane Reta y’Uburundi yo yashizeho ico kigo citaho abashikiwe n’amabi afatiye kugitsina hamwe n’Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo kurwanya ayo amabi, ndetse rero n’abasanzwe bakorera muri ico kigo mbere no mu bindi bigo nkivyo kukuntu bitaho ababitura, akaba yaboneyeho kubatera intege abasaba kubandanya bafasha neza ababitura.
Ntiyibagiye gutanga impanuro mu ntumbero yo guteza imbere ibikorwa birangurirwa muri ico kigo.
Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu akaba yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’umuceri, indobo, ibitenge hamwe n’ibindi vyankenerwa ku bigeme n’abakenyezi mu ntumbero yo gushigikira abakorewe amabi afatiye ku gitsina basanwze bakurikiranwa n’ikigo Humura.
Nayo Muganga Manariyo Alida arongoye ikigo Humura c’Igitega, yarashimiye cane Nyenicubahiro Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi kuri urwo rugendo.
Manariyo Alida akaba yabanje gusigurira Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ivyo ico kigo gisanzwe kirangura, aho yamenyesheje ko muri ico kigo uwashikiwe n’amabi afatiye ku gistina aharonkera ubufasha butandukanye, bwaba ubwo kumuvura mbere no mu vyerekeye ubutungane.
Yarasavye Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu ko yofasha kugira ico kigo kironke aho cakirira abagabo bacitura kuko gushika ubu ico kigo ntigifise aho gishobora kuraza abantu b’igitsina gabo kubera inyubakwa zidakwiye.
Uwurongoye ikigo Humura c’igitega yarongeye aramenyesha ko ico kigo gifise umugambi wo kwigisha imyuga abo gisanzwe gikurikirana kugira bashobore kurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere.