Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira bufadikanije n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD, bwarashikirije icese kuwa 21 kigarama 2023, abanywanyi b’amakoperative atatu yo mu ntara ya Rumonge, ingabire igizwe n’imashini zikanya amavuta y’ibigazi n’izimena imise, Imashini ikora isabuni hamwe n’ibindi ibikoresho mperekeza bizofasha mu kurangura neza ivyo bikorwa.
Koperative MUCO W’ITERAMBERE y’i Magara ya kabiri yo muri komine Bugarama, yaronkejwe ingabire igizwe n’imashini ikanya amavuta y’ibigazi n’iyimena imise, Koperative TUNYARUKIRE KU KIVI yo muri komine Rumonge yaronkejwe imashini ikanya amavuta y’ibigazi n’iyimena imise, Koperative TUMERE NK’ABANDI yo muri Komine Rumonge yaronkejwe imashini ifasha gukora amasabuni.
Pérose Minani, Umuyobozi ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe n’ibintu bitandukanye yaserukiye Umushikiranganji muvyo ajejwe harimwo gushigikirana, yamenyesheje ko ivyo bikoresho bizogirira akamaro kanini abenegihugu bafise amikoro make bahurikiye muri izo koperative.
Yavuze ko uwo mugambi uzofasha kwunga ubumwe no kwiteza imbere mu miryango y’abaronkejwe ivyo bikoresho ndetse no mu kibano.
Yarongeye aramenyesha ko uwo mugambi washigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere (PNUD). Aha akaba yaciye aboneraho gushimira cane iryo shirahamwe kuri iyo ntererano eka mbere n’ibindi vyinshi rifasha mu gihugu cacu.
Minani Pérose yasavye abenegihugu baronkejwe ivyo bikoresho kubibungabunga neza no kubandanya basenyera ku mugozi umwe mu kurangura ibikorwa ngirakamaro bizobafasha kwiteza imbere.
Yarongeye arasaba kandi abajejwe intwaro gukurikiranira hafi irangurwa ry’iyo migambi, kuko ari ngirakamaro kuri bene uwo mugambi, ku kibano, kuri komine mbere no ku gihugu cose. Ivyo navyo bikazotuma abenegihugu baronka ubushobozi bwo kwibeshaho batarinze kuzera inze.
Ntiyibagiye gusaba kandi abenegihugu kugira umwete no kubandandanya bakorera hamwe kugira ngo ntihagire uwusigara inyuma mw’iterambere.
Uwaserukiye uwurongoye komine ya Rumonge yarashimiye cane Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana hamwe n’ishirahamwe PNUD kuri ivyo bikoresho baronkeje abenegihugu bo muri komine Rumonge bafise amikoro make.
Nayo abenegihugu bahurukiye muri ayo ma koperative yaronkejwe ibikoresho barashimiye cane Ubushikiranganji muvyo bujejwe harimwo gushigikirana hamwe n’ishirahamwe PNUD kuriyo ngabire y’ivyo bikoresho, aho bamenyesheje ko bizobafasha kwiteza imbere na cane cane ko bari basanzwe babayeho mu bukene.