13 janvier 2025

ITANGAZO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA UMUSHIKIRANGANJI WO GUSHIGIKIRANA, IMIBANO, AGATEKA KA ZINA MUNTU N’ITERAMBERE RIDAKUMIRA RIJANYE N’IHIMBAZWA RY’UMUNSI MUKURU MPUZAMAKUNGU WAHARIWE UMWIGEME, UMWAKA 2023

  1. Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 11 gitugutu, Uburundi burifadikanya n’ayandi makungu mu guhimbaza umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme.
  2. Uyo munsi washizweho n’ingingo 66/170 y’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ukaba wahimbajwe ubwambere mu mwaka w’ 2011. Aho rero amakungu aboneraho akaryo ko kwirimbura no gusuzuma aho agejeje mu gukingira agateka k’umwigeme.
  3. Uburundi buhimbaje uyo munsi mukuru mu gihe twateye intambwe iboneka mu gukingira agateka k’umwigeme biciye mugushira mu ngiro amasezerano n’ingingo zitandukanye Reta yiyemeje mu kwubahiriza ico cose gituma agateka ka zina muntu muri rusangi kubahirizwa na cane cane ak’umwigeme.
  4. Aha twovuga nk’uburenganzira ku bigeme bwo kwitorera kwiga mu bisata ivyarivyo vyose. Ishirwa mungiro ry’integuro y’ibikorwa vyerekeye ingingo ya 1325 y’ishirahamwe Mpuzamakungu ikingira umukenyezi n’umwana w’umwigeme, n’ishirwa mu ngiro ry’integuro y’ibikorwa biri muri poritike ya Reta ijanye n’iterambere ridakumira n’izindi ngingo zose zituma hubahirizwa agateka kiwe.
  5. Uyu munsi mukuru uhimbajwe kandi haheze iminsi mikeya hatunganywa amahimiriza ku banyeshure b’abigeme bimirije kwinjira muri kaminuza ngo bijukire ibisata vy’ubuhinga. Haranatunganijwe kandi n’ibiganiro hagati y’abo bigeme n’abakenyezi bize muri ivyo bisata bakaba bakoresha ubuhinga mukazi kabo ka minsi yose mbere baranabereka akamaro kisununuye bakuye mu kwiga no mu gukora muri ivyo bisata.
  6. Nico gituma mu guhimbaza uyo munsi mukuru hatowe icivugo kivuga kiti :« Duhimirize abigeme kwijukira kwiga no gukora mu bisata vy’ubuhinga ».
  7. Ico civugo gihamagarira umuntu wese afise uruhara mu kwubahiriza agateka ka zina mwigeme mubijanye no kumutegekaniriza kazoza keza, kubahimiriza kwijukira kwiga ivy’ubuhinga bugezweho no gukora muri ivyo bisata.
  8. Uyo munsi mukuru kandi uhamagarira abafata ingingo bose mu gutanga akazi, ngo baze bararabako abigeme bize ivy’ubuhinga barimwo ku rugero rushimishije, mu bitigiri baba bakeneye mu buzi bwose bujanye n’ubuhinga.
  9. Aha mu Burundi, ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umwigeme bizoba kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu mu ntara ya Ngozi, kw’ishure ryisumbuye ry’i Buye.
  10. Tuboneyeho akaryo ko gutumirira Abarundi bose guhimbaza uyo munsi mukuru wahariwe umwigeme mu kanyamuneza no kumutera intege mu guharanira kazoza kiwe keza.
  11. Turipfurije umunsi mukuru mwiza abigeme bose bo mu Burundi no kw’isi yose.

Imana ibahezagire !!!

Murakoze !!!