27 novembre 2024

Abarwaye indwara zo mumutwe barashigikiwe

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Myandagaro 2023 i Bujumbura, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwaragendeye abafise indwara zo mumutwe bari mu bitaro CNPK aho bita kwa le Gentil aho bari bagiye babashiriye agakemanyi kagizwe n’itoni y’umuceri, ibiro 250 vy’ibiharage, ibiro ijana vy’isukari hamwe n’amasabune.

Perose MINANI, Umuyobozi ajejwe gusubiza muzabo abaziteshejwe, yari yaserukiye umushikiranganji muri ivyo bikorwa, yamenyesheje ko Ubwo bushikiranganji bubajejwe kandi bubandanya bubitaho uko bushoboye.

Yarashimiye cane abaganga bo ngaho muri ivyo bitaro kubona bitaho bikwiye abafise indwara zo mumutwe, aca asaba abenegihugu ko mugihe babonye uwufise ibimenyetso vy’indwara zo mumutwe kunyarukira kwa muganga kugirango aheze avugwe hakiri kare.

Niko guca abashikiriza agakemanyi kagizwe n’itoni y’umuceri, ibiro 250 vy’ibiharage ibiro ijana vy’isukari hamwe n’amasabune muntumbero yo gushigikira abo barwayi kuko ngo bibagora cane mukubafungurira.

Umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro Furera CIZA Marcus akaba yamenyesheje ko bakurikirana abarwaye bagera kw’165 harimwo abagore 64 n’abagabo 101.

Yavuze ko muri abo, 19 bari mu mihana iwabo kubera batoye mitende, abo rero ngo babaha indwi imwe canke zibiri kugirango basubire mu muryango barabe neza ko baba bakize, kandi ngo iyo bishitse bagasanga ntibaratora mitende, baca babasubiza mukigo bitagoranye.

Abarwariye muri ivyo bitaro bakaba barashimiye cane Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo  Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kubona bama na ntaryo babafata mumugongo mukubavuza no mukubaronsa utundi twankenerwa.

Mwomenya ko ubwo bushikirangnji busanzwe bukurikirana abarwaye indwara zo mumutwe barenga ijana, abaserukira umwo bushikiranganji bakaba babanje kugenzura aho bakirira abarwayi naho babaraza imbere yo gushikiriza akaganuke bari baje bitwaje.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →