Ivyo biri muvyashikirijwe na Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kuri uyu wa kane igenekerezo rya 25 rusama 2023, ku murwa mukuru wa komine Ntega intara ya Kirundo, aho ubwo bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwatanguje icese isekeza ry’iminsi 15 yo guhimiriza abenegihugu kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Imelde SABUSHIMIKE, Umushikiranganji wo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira akaba ariwe yari yateye iteka ivyo birori.
Mw’ijambo ryiwe, Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE akaba yamenyesheje ko Igikorwa co kurwanya amabi afatiye kugitsina atari ic’akanya gato, ngo ntihagire uwohava yibaza igituma hatunganijwe ivyo bikorwa mu gihe ikiringo c’isekeza ry’iminsi 16 yahariwe kurwanya ayo mabi carangiye.
Yavuze ko ari igikorwa co kwamizako, Kuko Muri ico kiringo cose, bagumye bahimiriza imirwi itandukanye, ariko n’ubu akanya n’uburyo iyo bibonetse baraheza bagahimiriza abenegihugu duheza kugirango bakinge hakiri kare.
Nyakubahwa Imelde SABUSHIMIKE yarongere aramenyesha ibiharuro vyerekana ingene hari amahoterwa afatiye ku gitsina afatiye kuri buri ntara ati : « Mu gihugu cacu c’Uburundi, amabi afatiye ku gitsina aracibonekeza mu ntara zose. Muri iyi ntara ya Kirundo kuva mu kwezi kwa Ntwarante 2022 gushika muri Nzero 2023 abakenyezi 9 bishwe n’abo bubakanye. Mu mwaka w’2021, nkuko ivyegeranyo vyatanzwe n’Ubuyobozi bw’iterambere ryingo n’imibano kivyerekana, hakiriwe mu gihugu cose abantu bagera 14 926 bahohotewe, muri abo hakaba harimwo ab’igitsina gabo 2372 n’abigitsina gore 12554. Intara ya KIRUNDO rero ikaba yonyene yakiriye abakenyezi bagera ku 1824 bahohotewe, n’abagabo 719 ».
Yongeye aramenyesha abari aho ko arico gituma batumiwe umwe wese ngo afise ico ategerezwa gukora mu kurwanya ayo mabi.
Ati « Abajejwe intwaro mudufashe ba nyumbakumi bakore ico bajejwe. Burya inzu cumi biroroshe kuzikurikirana ukamenya aho bihuha n’aho bimeze neza. Ni baje ku kivi bahanure, ingo n’urwaruka kuko inyifato mbi y’urwaruka ibera aho bose babona ariko bikatugora kwamira. Ariko ikibano kiba kizi ibiba ».
Yarongeye kandi avuga ati : « Abajejwe ubutungane turabasavye amategeko akore, abarezi babe maso, kumashure abana barahakomerekera, gerageze murikanure, ivyo kugoba izo baragiye biranduranwe n’imizi, inyamira mabi ni mutabare mu maguro masha, amatohoza anyaruke, inkozi z’ikibi zishengezwe ; Ubuyobozi bujejwe ingo, imiryango n’imibano namwebwe bandanye muhimirize, muskike mu miryango cane cane iyibanye nabi habe ukuzitira tutaronerwa ; Shishikara gufasha abakorewe amabi; mukorane n’abandi babijejwe, mukorere murunani; gutyo umuti urama utorwe ; Amasengero tuyagarutseko kuko namwe ijwi ryanyu Rishika kure. Ni muhanure mushimitse, ingo nziza n’ijuru ryo kwisi ».