27 novembre 2024

Twaje kubaremesha, tubereke ko Reta Ibafise kumutima

Ayo ni amwe mumajambo ya Nyakubahwa NIYONZIMA Jean Berchmans Umuyobozi ajejwe gufasha abatishoboye n’abahuye n’ibiza bitandukanye mu bushikiranganji bwo gushigikirana, Imibano, Agatelka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 3 ntwarante 2023 mu rugombo mu ntara ya Cibitoke, yararemesheje imiryango ibiri yari yagize ivyago inzu zabo zigasha n’ibirimwo vyose, aho yari yagiye yitwaje agakemanyi kagizwe n’umuceri hamwe n’ibiharage.

Yabasavye kwihangana, ariko agirako amenyesha ko mukibano ariho bari bakwiye gufasha ubwambere, maze Ubushikiranagnji nabwo bugaheza bugasahiri muvyo batishoboreye.

Yavuze ko yari yahishikiye kubera akamo yatewe n’uwuserukira ubwo bushikirangnji muri iyo ntara, kugirango yirabire n’ibisakazo bikenewe uko bingana kuri ayo mazu, maze ubushikiranganji bujejwe gushigikirana buzobaronse amabati.

Nkuko twavyiboneye mu nzu y’uwitwa BIGIRIMANA J. Marie, wo kumutumba Mparambo 1, agacimbiri Rubuye3c, aho nyene muri komine Rugombo, hahiriye munzu Imatera, icarahani, umunzane, impapuro z’amatongo, karangamuntu, amakaye y’abana, baterie, panneau salaire hamwe n’amafaranga ibihumbi 750.000 y’amarundi.

No kurugo rw’uwitwa KUBWAYO Séraphine wo kuri uwo mutumba nyene, yahishije impuzose zari munzu, amakaye y’abana, ivyombo hamwe n’amafaranga ibihumbi amajana atanu(500.000).

Nk’uko umwe muri abo bahishije inzu Bigirimana J. Marie yabishikirije, ngo bari bagiye gusenga ari kumunsi w’isabato, igihe c’isaha zitanu z’umurango, ngo niho baza bumva bababwira ko inzu yabo iriko irasha, bac abaza bariruka ariko basanga urubeya ni rwinshi, ababanyi baragerageje kumufasha ariko ivyari munzu vyose vyaruhiye gusha.

Ati igitangaje, n’uko iyo nzu yahiye kandi ata muyagankuba bafise, kandi n’icumba cahiye bararamwo ata muntu n’umwe yashobora kujayo ngo ajaneyo umuriro, naburya bose bari bagiye no gusenga atanumwe yari asigaye muhira.

Agashimira Imana ko atamuntu yahasize ubuzima kuko iryo sanganya ryabaye kumurango kuko ngo iyo ivyo sanganya ryaduka ari mwijoro bari kugira ibibazo bikomeye, kuko bari guhira munzu.

Bakaba barashimiye cane Ubushikirangnji bwo gushigikirana kubona bwasjhoboye kubagarukirako muri izo ngorane bagize, ngo barabonye ko Reta ibashigikiye kandi yitaye umwenegihugu aho ari ari hose mungorane aba agize.

Mwomenya ko ubwo bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwama na ntaryo bushigikira uwo wese yagize ingoranye agahisha inzu canke agahura n’ibindi vyago biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe.

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →