Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nyakubahwa Ildephonse MAJAMBERE, Umugenduzi ajejwe ivy’Imibano mu Bushikirangnji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira ari kumwe na Nyakubahwa Jacqueline BARANYIZIGIYE, Umuyobozi ajejwe abana n’imiryango muri ubwo Bushikiranganji, kuri uyu wa gatanu Igenekerezo rya 13 nzero muri komine MBUYE intara ya MURAMVYA, aho ubwo Bushikirangnji bwari buramutse bukura abana 9 bari barerewe mu kigo ca Fondation BIZIMANA Marie Thérèse kiri ku mutumba wa Teka Komine MBUYE intara ya MURAMVYA.
Yamenyesheje ko hari rapport yakozwe n’ubugenduzi bukuru bw’ubwo Bushikirangnji, baraheza barabona neza ko ico kigo hari vyinshi kidakwije mu bisabwa kugirango kibe ikigo cakira abana batoya, baraheza barabaha umwanya wo kwisuganya ariko kugeza ubu ata kinini cari bwahinduke ngo bashike kurugero rwo kurekera abo bana muri ico kigo nk’uko bibereye.
Yavuze ko batugaye ico kigo, ariko ko cohindura gusa uko gisanzwe gifasha abana, nk’abo cari gisanzwe gifashiriza mumiryango kibandanya kibikora ukuri kwamye.
Yavuze kandi ko abana ari ab’igihugu, ko rero bafashwe mu minwe ya Reta, aho baciye bajanwa mu kigo ca Reta kirera abana kiri kw’i Jabe mu gisagara ca Bujumbura.
Yaciye asaba ko mu gutanga abo bana boheza bagatangana n’umwidondoro wabo.
Nyakubahwa Jacqueline BARANYIZIGIYE akaba yatumenyesheje ko yari yaravuganye n’abasanzwe bakurikirana abo bana muri ico kigo ko bagiye kubakurayo babashire mu kigo ca Reta kireze impfuvyi co kw’i Jabe.
Nawe uwurongoye ico kigo NDAYIZEYE Vianey akaba yavuze ko kuva buguruye ico kigo mu mwaka 2019 ata muntu ava mu Bushikirangnji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bari bwabone ngo ababwire ivyo bohindura, ko ngo bagiye babo mu mwaka w’2021 ariho haza abaje kuraba uko ico kigo cifashe, bongera ngo barabatuma mu mwako 2022 i GITEGA aho mbere baca babamenyesha ko kiri mu gigo cugawe kidakwije ibisabwa.
Yamenyesheje ko hari n’iyindi migambi ico kigo kizobandanya gikora nko kworora no gufashiriza mu miryango abana ba ntahonikora.
Yaciye ashikiriza amadosiye y’umwidondoro aranga buri mwana muri abo 9 bakuwe muri ico kigo.
Bashitse mu kigo co kw’ijabe bakaba bakiranywe akanyamuneza n’abandi bana bari bahasanzwe.
Mwomenya ko kibaye ikigo kigira kabiri gikuwemwo abana bakajanwa mu kigo ca Reta co kw’i Jabe i Bujumbura, inyuma yaho hafatiwe ingingo yo kwugara ibigo bireze abana bidakwije ibisabwa n’amategeko ngo umwana abeho neza.