27 novembre 2024

Ubushikiranganji bwo gushigikirana bwarateye iyindi ntambwe mu gutunganiriza abafise amikoro make

Ubushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira  bwarateye iyindi ntambwe mu gutunganiriza abafise amikoro make aho bwatahuye neza ko gufasha ntahonikora canke uwufise amikoro make agaheza agaterimbere, bisaba ko agira uruhara ruboneka akoresheje amaboko yiwe, maze Reta nayo igaheza ikamusahiriza.

Ubwo bushikirangnji bukaba bwaciye butanguza umugambi wo kurima kugirango abenegihugu benshi bugarijwe n’ubukene baronke ivyo bafungura baheze bagire amagara meza gutyo iterambere naryo ryiyongere mu gihugu.

Umurima warorero w’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Kumutumba wa NYARUHENGERI uri muri komine BUHINYUZa Intara ya MUYINGA Ubushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bukaba bwararimye umurima wakarorero buri kumwe n’abenegihugu bo mu kirwati c’amahoro c’i Nyarunazi.

BIGIRIMANA Etienne, umufundi w’indimo wo kumutumba NYARUHENGERI komine BUHINYUZA Intara ya MUYINGA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nkuko twabimenyeshejwe na BIGIRIMANA Etienne, umufundi w’indimo wo kumutumba NYARUHENGERI komine BUHINYUZA Intara ya MUYINGA, ngo uwo murima uri mw’itongo ripima  ihegitari 10 ryantanzwe na Komine BUHINYUZA risabwe n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira, kugirango risahirize amikoro y’abenegihugu bari mu kirwati c’amahoro c’i NYARUNAZI.

Yavuze ko ivyo barimye ari imyumbati, ibijumbu hamwe n’ibiraya bagiye gutangura kurima uno mwaka.

Mu gice hiheruka c’irima, yatumenyesheje ko bashoboye kwimbura ibiro 1600 vy’ibijumbu, none ko biteze kuzimbura imyumbati itari mike kuko iteye kuburyo bwa kijambere.

Ikinogo c’uburinganire bw’imetero ku metero bateramwo imyumbati (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Tumubajije ubuhinga bakoresha n’intabire, yavuze ko imyumbati bayitera mu kinogo c’uburinganire bw’imetero ku metero, aho baca bashiramwo umwavu w’ikirundi bagaheza bagashiramwo imbuto y’ikigombo c’umwumbati.

Yizera ko ni hagera kwimbura ikigombo kimwe gishobora gutanga ibiro 80 vy’imyumbati.

Yavuze kandi ko bakoresha ifumbire y’Ikizungu ariyo bita « fomi imbura na fomi bagara ».

Mu kugIrango bibandanye bigenda neza cane, BIGIRIMANA Etienne asaba ko hoboneka ibitunga vyo gutanga umwavu w’ikirundi nk’inka n’impene kandi hakubakwa n’inzu ya stock muri iryo tongo.

NTAMAVUKIRO Ezechiel, Umukuru w’ikirwati c’amahoro c’i NYARUNAZI kiri muri komine BUHINYUZA (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nawe NTAMAVUKIRO Ezechiel, Umukuru w’ikirwati c’amahoro c’i NYARUNAZI kiri muri komine BUHINYUZA, arashimira Reta y’Uburundi ibicishije mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kubona bariyumviriye kubaha iryo tongo ry’intizo, ngo nabo bashobore gufungura ibivuye mu maboko yabo.

Yavuze ko ico kirwati kigizwe n’abenegihugu bo mu bwoko bwose harimwo abaje bahungutse batari bacibuka iyo bagiye bava, hakaba harimwo ingo 300.

Muri izo ngo zose, abariko bararima ni ingo 100, ariko bagasaba ibikoresho bitandukanye harimwo amasuka n’ibipawa kugirango bibafashe na burya bama bahurira kuri uwo murima gatatu mu ndwi, ku minsi ya kabiri, ya kane na gatandatu.

Yasavye kw’izina ry’abo benegihugu ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bwobandanya bubaronsa ifumbire hamwe n’izindi mbuto nk’uko bwabigize ku murima bahereyeko kurima.

Yarongeye arasaba ko boronswa ibitungwa bishobora kubaha ifumbire y’ikirundi nk’inka kugirango ntibirirwe baraja kuyigurira kure kuko bitwara uburyo bwinshi bwo kuyigura no kuyishikana muri iryo tongo.

Yarangije atera akamo abandi benegihugu kuja hamwe mu mashirahamwe kugira nabo baterere mw’iterambere ry’igihugu babanje kwironderera ico bafungura mu miryango yabo.

Nyakubahwa BERAHINO Maurice, Umuhanuzi wa musitanteri wa komine BUHINYUZA ajejwe ivya politike, Intwaro, Ubutungane n’Imibano (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nkuko vyemejwe na Nyakubahwa BERAHINO Maurice, Umuhanuzi wa musitanteri wa komine BUHINYUZA ajejwe ivya politike, Intwaro, Ubutungane n’Imibano, ngo komine niyo yatanze iryo tongo rifise uburinganire bwa hegitari 10 nk’intizo, bubisabwe n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kugirango abenegihugu bo mu kirwati c’amahoro c’I NYARUNAZI baririme riheze ribasahirize mu kuronka ivyo bafungura.

Yatubwiye ko komine izoharonkera akunguko kuko ngo abenegihugu bahora basegerereza kukubura ico bafungura bagiye kuzoca bagabanuka kandi ngo abatari bake bibafashe kugira amagara meza, gityo baje kukivi mu migambi y’iterambere ry’igihugu.

Yavuze kandi ko ari umugambi mushasha ubwo bushikiranganji bwatoye bwo gufasha aho kubaha gusa ibifungurwa canke ivyankenerwa, nabo baheza bagafashe mu kurondera ivyobafasha bivuye mu maboko yabo.

Itongo rya komine nyahawe Ubunshikiranganji bujejwe Gushigikirana (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yarongeye aravuga ko komine BUHINYUZA yiteguye kuzobaronsa n’ahandi hamwe vyogaragara ko aho babahaye bashoboye kuharima hose, mbere agaca agirako asaba abo benegihugu kwandikisha ishirahamwe ryabo ribe coperative igengwa n’amategeko nk’ayandi yose.

Yamenyesheje ko komine BUHINYUZA yari isanzwe ifise ayandi makoperative akora ivy’uburimye aho yatanze akarorero ka koperative SANGWE, kandi ko komine ibaronsa amatongo yo kurima.

Mu ntambamyi yashikirije, Nyakubahwa BERAHINO Maurice yavuze ko habura cane aho bakura umwavu w’ikirundi wo kuhatabira hamwe n’ibikoresho vyo kurima.

Yaciye aboneraho gutera akamo abofasha na cane cane Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kugirango babagurire ibitunga bitobito nk’inka n’impene bwongere bubagurire ibikoresho vyo kurima nk’amasuka, ibipawa hamwe n’ishoka zo gukura ibishitsi vy’ibiti bitabana n’indimo.

Nyakubahwa NGABONZIZA Pierre, Umuyobozi ajejwe guteza imbere abatishoboye, mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Kuruhande rw’Ubushikiranganji , Nyakubahwa NGABONZIZA Pierre, Umuyobozi ajejwe guteza imbere abatishoboye, mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yavuze ko ubwo Bushikiranganji bwiyumviriye gutanguza ico gikorwa co kurima muri iyo komine kubera ko hari ikirwati c’amahoro c’ubatswe n’ubwo Bushikiranganji nyene mu mwaka 2008, abakibamwo ahanini bakaba ari abahungutse badafise amatongo bashikiramwo, maze Ubushikiranganji bukaba bwagiye burabasahiriza muri bimwe bimwe bakenera nk’ibifungurwa, ariko atari ku rugero rushimishije .

Ari naho baciye biyumvira gusaba amatongo ya Reta kugirango abo benegihugu baje hamwe, barimire hamwe, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira nabwo bubaronse imbuto hamwe n’umwavu.

Yavuze ko kuva butanguje ico gikorwa, bamaze kwimbura itoni n’igice y’ibijumbu, kandi ko hari n’ibindi bitarasoromwa, mbere imyumbati nayo iteye igomwe.

Yarongeye avuga ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina muntu n’Iterambere Ridakumira buzofasha abo benegihugu mu kubagirira koperative nziza izwi n’amategeko, aho bazobandanya barimira hamwe naburya hasanzwe harimwo ubwoko bwose muri ico kirwati.

Yaboneyeho gushimira Abarongoye Komine Buhinyuza kubona yarashoboye kubatiza itongo ringana na hegitari 10 kugirango rikorerwemwo uburimye bw’ibiterwa mbumbarugo bizofasha abenegihugu basanzwe bafise amikoro make, maze ca civugo ca Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’uko Umunwa wose uronka ico ufungura n’Umufuko amafaranga, kije mu ngiro kuri bose.

Yatubwiye ko muri rapporo y’uko umurima w’akarorero w’ifashe yatanzwe muri Reta ku rwego rwo hejuru, bayishimye kanatsinda ubaye umugambi wambere wo kurima Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira butunganije mu gihugu mu ntumbero yo gufasha bantahonikora.

Bamwe bariko bararima kuri uwo murima w’akarorero (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yongeye aratumenyesha ko Reta y’Uburundi yaciye yemerera Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira guca ibandanya irangura uwo mugambi no mu zindi ntara zigize igihugu, amakomine afashe mu gutiza amatongo abenegihugu bafise amikoro make barime, ubwo bushikiranganji nabwo bubasahirize mu kubaronsa imbuto hamwe n’umwavu.

Umwe mu baronkejwe ingurube zatanzwe n’Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

Yamenyesheje ko Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bufise umugambi wo kubaronsa ibitungwa bitobito vyobasahiriza mu kubaronsa umwavu, na rirya ubwo bushikiranganji buheruka no gutanga ingurube mu gihugu cose aho bwatanze ingurube 1363 mu ntara za 11 zigize igihugu.

Yavuze kandi ko kubera bazi neza ko bariko bashigikira abenegihugu bafise amikoro make, abenegihugu bose baba muri ico kirwati baronkejwe ibitenge, mbere abaje kurima bose bakaba bararonkejwe ibifungurwa kugirango bashike baronka ico bashira kumunwa.

Akaba yariboneye ko hari ikibazo c’ibikoresho, kuko ngo ubushikiranganji bwabahaye amasuka 10 gusa, ayo nayo akaba ataco yofasha kinini kubantu bashika ijana, baca barinda kuyakotesha kugira baronke ico barimisha, kandi ata n’uburyo bukwiye bafise.

Ingurube zatanzwe

Muri ico gisata co gusahiriza abanegihugu, Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira bukaba buheruka gutanga ingurube 1363 mu ntara za 11 zigize igihugu aho muri Komine BUGABIRA yo mu ntara ya MUYINGA twagendeye hatanzwe Ingurube 110 ku mashirahamwe 10 irindi naryo rikaba ryari ryasavye ibikoresho vyo Kumwa.

SIBOMANA Sylvestre, Arongoye urunani rw’amashirahamwe yaronkejwe izo ngurube, aba kumutumba NYAMABUYE yo muri Komine BUGABIRA Intara ya KIRUNDO (Ifoto na Elie HARINDAVYI)

SIBOMANA Sylvestre, Arongoye urunani rw’amashirahamwe yaronkejwe izo ngurube, aba kumutumba NYAMABUYE yo muri Komine BUGABIRA Intara ya KIRUNDO yatumenyesheje ko ingurube zose baronkejwe baciye bazihanahana mu banywanyi bayo mashirahamwe kugirango umwe wese ayororere muhira iwe kuko ngo iyo bazishize hamwe zica zinamba, zigaheza zigapfa bivanye no kubura ivyo zirya bikwiye.

Arashimira cane Ubushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira kubona baragize ico ciyumviro co kubaronsa ivyo bitungwa, ngo kubwiwe ni nk’Imana yababonekeye.

Yarangije asabira ishirahamwe ryari ryasavye ibikoresho vyo kumwa kuko ritashoboye kuronswa ivyo ryari ryasavye.

Nyakubahwa NGABONZIZA Pierre, Umuyobozi ajejwe guteza imbere abatishoboye, mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira (ifoto na Elie HARINDAVYI)

Nyakubahwa NGABONZIZA Pierre, Umuyobozi ajejwe guteza imbere abatishoboye, mu Bushikiranganji bwo Gushigikirana, Imibano, Agateka ka Zina Muntu n’Iterambere Ridakumira yavuze ko ico ciyumviro caje mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi wa Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu wo kugwiza ibitungwa, bica bihurirana n’uko mu bushikiranganji bujejwe gushigikirana bufise ba ntahonikora butegerezwa gufasha bakaronswa ibitungwa bitobito kugirango nabo bisununure mw’iterambere.

Yavuze ko ivyo bitungwa ubwo Bushikiranganji bubitanga kumashirahamwe n’amakoperative ngo bibaronse umwavu ubasahiriza mu ndimiro zabo.

Yavuze kandi ko izo ngurube mu gihe zizoba zimaze kuvyara, 50% zizoheza zikokorerwa abandi mu kibano kandi bafise amikoro make.

Ngo haca hajaho amasezerano yerekana ingene ivyo bitungwa bizokurikiranwa, maze abashobora  gutora abazihabwa ni abajejwe intwaro kumutumba, umukozi w’ubushikiranganji wo kuri Komine hamwe n’abajejwe ibitungwa muri komine

Elie HARINDAVYI

Le Coordonnateur de la Cellule de Communication et d'Information du Ministère des Droits de la Personne Humaines, des Affaires Sociales et du Genre

Voir tous les articles de Elie HARINDAVYI →